Ishirahamwe Channel Burundi Ryatanze Imbuto Kuri Bantaho Nikora Bo Mu Rutana

Ishirahamwe Channel Burundi Ryatanze Imbuto Kuri Bantaho Nikora bo muri zone Muzye mu ntara ya Rutana.

Kuri uyu wa gatatu ishirahamwe Channel Burundi risanzwe rirangurira imirimo mu gihugu cose harimwo n’intara ya Rutana ryatanze imfashanyo y’imbuto ku miryango 452 yabantaho nikora hamwe n’imiryango iherutse guhunguka yo muri zone Muzye yo muri Komine Giharo intara ya Rutana.

Ivyo bivugwa na Fiacre NSENGIYUMVA umuhuzabikorwa mu ntara ya RUTANA aho amenyesha ko iyo mfashanyo yatanzwe mu ntumbero yo kwigisha abarimyi kurima no kwimbura neza, kuronka amikoro hamwe n’ugufashanya.

Umuntu umuryango wose yaronkejwe imbuto ziciye ibihumbi mirongo itatu na bitandatu 36.000 .

Mukamenyako mwene uyo mugagambi umaze gukorwa no muzindi ntara.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.