U Burundi, Tanzaniya, Kenya na Brésil mu Nama ya Victoria Coton i Bujumbura

Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha yuko iyo nama yariyo kuraba aho ico giterwa kigeze kugira umwimbu waco wongerekane.

Mu ntumbero yo guteza imbere ubuhinga bwo gutera ipampa mu Burundi, mu gihe ico giterwa kibangamiwe n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’udukoko dutera ico giterwa,kuri uyu wambere hakoraniye inama i bujumbura ihuza i bihugu vya Tanzania, Kenya, na Brésil mu mugambi Victoria coton.

Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha yuko iyo nama yariyo kuraba aho ico giterwa kigeze kugira umwimbu waco wongerekane.

Kubwa Déo Guide RUREMA, ico giterwa c’ipampa n’igiterwa gifitiye akamaro i gihugu c’u Burundi n’ibindi bihugu kuko kirateza imbere abenegihugu bakaronka umwimbu, bakawucuruza.

Déo Guide RUREMA yamenyesheje yuko  mu burundi ico giterwa kimeze neza uretse gusa izo ngorane. Kubwiwe rero ngo amatongo ni mato mato kandi nkuko ahandi biba ico giterwa gihanzwe n’ihindangurika ry’ibihe.

Tubamenyeshe yuko uwo mugambi «Victoria Coton» watanguye mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’agatandatu, ukaba washizweho n’ibihugu bisangiye ikiyaga Victoria bifashijwemwo n’igihugu ca Brésil mu ntumbero yo guteza imbere igiterwa c’ipampa.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.