Inama Nya butatu hagat

Impuzi z’abarundi zigera ku bihumbi mirongo ibiri nizo zimaze guhunguka zivuye mu gihugu kibanyi ca Tanzania kuva kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kw’icenda umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’indwi. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ry’ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR. Iryo tangazo rikaba  ryashizwe ahabona kuri uno wa mbere. Iryo tangazo rero rikaba ryahuriranye n’inama nya butatu yatanguye kuri uyu wa mbere hagati y’u Burundi,Tanzania na HCR , i bujumbura.

Ngo «Iyo nama  izoshira ahabona ibiharuro nyakuri vy’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzania », ivyo vyavuzwe na Thérence Ntahiraja, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Ku bwiwe, iyo nama  yitezwe ko vyinshi kubijanye n’ibiharuro vy’impunzi za barundi vyama vyateye impari hagati yuburundi na HCR.Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu burundi avuga yuko ibitigiri nyakuri atavyo bafise. Ngo kugira bamenye ibiharuro nyakuri nuko haba harabaye recensement igakurikiranwa neza n’ababijejwe. Ngo leta ya Tanzania  niyo yoba izi ibitigiri vy’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzania. Ngo ivyo  navyo rero, tukazobimenya kuruyu wa gatatu ku musi wa nyuma wiyo nama.

Nayo ku kibazo kijanye na ryari impunzi z’abarundi ziri mu bihugu bibanyi zizotahukira, Thérence Ntahiraja, ashikiriza yuko leta y’uburundi iza yarandikiye ibindi bihugu   kugira uguhunguka kwabo barundi kuje mu ngiro. Ngo i bihugu vyo hanze bifise impunzi z’abarundi  nka republica iharanira democaratiya ya Congo, leta y’u Burundi iramaze kuyandikira ikete kugira ngo barabe ingene iyo nama nya butatu  yoba hamwe na HCR. Thérence akaba amenyesha yuko bakirindiriye inyishu kugira ngo iyo nama  nya butatu izohuza u Burundi, Congo na HCR  ibe.

Kuw’uhagararikiye HCR muri iyo nama, Soufiane Adjali, ngo abandi barundi bagera ku bihumbi mirongo ibiri bipfuza gutahuka baza bariyandikishije,rero ngo hasigaye kwegeranya ivya nkenerwa kugira batahuke.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.