Inama Nyabutatu Hagati Yu Burundi,Tanzania na HRC

Kuva igenekerezo rya 5 Ndamukiza, impuzi z’abarundi ziri muri tanzania zigera ku  bihumbi 22  ku ndwi zigiye kuba ziratahukanwa gushika mu mpera z’uno mwaka. Ivyo bikaba vyashikirijwe ku mugoroba w’uyu wa gatatu  harangiye i nama nya butatu yahuza u burundi, Tanzania na HCR.

Ngo « Ibiharuro vy’impunzi za barundi ziri muri Tanzania, leta y’u Burundi ntivyemera. » Ivyo vyashikirijwe na Gloriose BERAHINO,  umuyobozi mukuru mu bushikiranganji  bw’intwaro yo hagati mu gihugu  ajejwe gutahukana impunzi  no kuzisubiza mu vyabo, mu gihe yariko asoma itangazo mu kurangiza ibikorwa bisozera iyo nama.

Uwuserukira igihugu ca Tanzania mu burundi nawe mw’ijambo ryiwe,  yarashimye intambwe bashitseko muri iyo nama. Na GOGO HARKPORTIE aserukira HCR mu burundi  yavuze ati naho uburyo butabaye ikirenga, ngo barashoboye gutahukana impunzi zishika ibihumbi mirongo 21 z’abarundi mu cubahiro.

Muri iyo  nama hakaba harimwo abarongoye intara z’uburundi zihana urubibe n’igihugu ca Tanzania , hamwe n’uwurongoye intara ya kigoma Emmanuel MAGANGA, intara ifise impunzi za barundi kurusha izindi . Uyo mutware yemeza ko agiye gufasha kugira ngo  abarundi bahunguke. Agashikiriza kandi ko abo barundi gushika ubu badabafatwa nk’umuzigo. Ngo bazokora uko bashoboye kugira bahungukane iteka.

Pascal BARANDANGIYE,  umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akemezza yuko habaye impari ziturutse  mu kutumvikana ku biharuro vy’impuzi. Ngo mu bitigiri bitangwa, harivyo leta yu Burundi itemera, ngo kubera yuko  ivyo biharuro bidafatira ku baba baratashe bizanye kuko bobo ntibaba baje banditswe na hantu na hamwe. Kuri we ngo hoharugwa umuntu umwe ku wundi.

Tubamenyeshe yuko uno mwaka uzorangira impunzi za Barundi zigera ku bihumbi 72 zitashe. Ivyo rero bikaba vyashikirijwe  mw’itangazo risozera iyo nama.

Tubamenyeshe yuko kandi ko impunzi za Barundi bari muri tanzania bangana ibihumbi 274455 muri abo abangana ibihumbi 229 781 bahunze mu 2015.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.