Don Bosco kimwe mu bibuga bisigaye vyakira inkino za Primus Ligue

Ici kibuga gishobora kwakira abantu atari bake, ndetse gifisemwo ikindi kibuga ca Basket-ball,nikurico kibuga nyene hamaze imisi ibiri hakinirwako inkino za Primus Ligue,bimwe mu bintu vyishimirwa n'imvukira zo muriyo zone ya Buterere,mbere bamwe bagasaba ko zobandanya zikinirwa ngaho nyene.

Ico n’ikibuga kiri muri zone Buterere komine Ntahangwa citwa Don Bosco, ni kimwe mu bibuga vyiza cane gifise umusezero usanzwe.

Ici kibuga gishobora kwakira abantu atari bake, ndetse gifisemwo ikindi kibuga ca Basket-ball,nikurico kibuga nyene hamaze imisi ibiri hakinirwako inkino za Primus Ligue,bimwe mu bintu vyishimirwa n’imvukira zo muriyo zone ya Buterere,mbere bamwe bagasaba ko zobandanya zikinirwa ngaho nyene.

Ariko nkuko abasogokuru bayamaze bâti Ntamwonga ubura isato yoba idahizwe,nubwo ico kibuga ari ciza bamwe mu bakinyi cokimwe n’abamenyereza baracidogera ubwaguke, n’uburebure bwaco.

Bamwe mu bakinyi twavuganye bagize bâti « Ikibuga ni ciza ariko kiragutse gose cane bigatuma turuha ningoga »

Kuruhande rw’abamenyereza bo bagira bâti « nta ntebe zo kwicarako turonka abakinyi bacu bicara hasi »

Intambamyi kandi ntizibuze no ku bahagarikizi kuko nabonyene usanga basifura urukino bamwe binjira mu kibuga akarorero: umuhagarikizi wo kuruhande birashika akinjira mu kibuga bivanye n’ubwinshi bwa barorerezi baba bamwegereye ndetse, n’umuhagarikizi agira kane (4), usanga ibikoresho vyiwe abishira hasi ku vyatsi kuburyo vyoshika bashobora kubimwiba.

Kuruhande rwabarorerezi bo bagonako umusi bizoshika imvura ikarwa bazoheza banyagirwe n’ivyabo vyose, abo twavuganye bagize bâti « Turashimiye Ffb kuzana inkino ngaha iwacu mu Buterere kuko twari tubishashaye ariko nibarabe batwiyumvire baduhe agatribune gato ko kwugamamwo imvura, kuba tudafise aho twicara niyo mpamvu ituma twegera abahagarikizi bo kumpande cane, nikubera ko tubura iyo twicara, abantu bose turwanira kwicari imbere tugaca dutwarwa n’uburyohe bw’urukino ugasanga turabegereye cane  »

Kugira ngo rero akanovera k’inkino ndetse ikibuga ca Don Bosco de Buterere kibanda gihurumbira ku bwinshi aba bijejwe barabe ico bokwongereza narirya misi yose Intango yama igora.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.