Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Amagara y’Abantu

Amagara y'Abantu

 Ngo : « u Burundi buri  mu bihugu vya mbere bifise inzara nyinshi kw’isi. Abarundi benshi ntibafungura bikwiye kuko  benshi ntibashikana ama calories 1600 kandi bategerezwa kurenza ama calories 2000 », ivyo vyashikirijwe na Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM, ryishinze gukangura abarundi  mu guhindura ingendo; akaba yabishikirije kuri uno wa mbere mu kiganiro ku bamenyesha makuru  kubijanye n’umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza.

Faustin NDIKUMANA yabandanije avuga yuko  hari ibintu vyinshi bituma amagara y’abantu adashemera mu Burundi : isuku rike, igwirirana ry’abantu,ihindagurika ry’ibihe ,ingwano, ngo ivyo vyose bituma abantu bagira amagara make.

Ngo kubera igwirirana ry’abantu, amavuriro ahari ubu ni make cane.Faustin amenyasha kandi yuko nko kw’ivuriro rimwe usanga hari abaforoma 2 canke 3 kandi hategerezwa kuba 6 canke 7. Imiti nayo ugasanga ntiboneka.

Faustin NDIKUMANA yarangije asaba yuko ho kwongereza abakozi  bafise ubumenyi bukwiye mu gisata c’amagara y’abantu  hamwe no kurondera uburyo  bukenewe mu mugambi w’igihugu mu gisata c’amagara y’abantu mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyinshi bihanze ico gisata.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.