Intamba Mu Rugamba U20, Urutonde rwa bakinyi 25 binfata kibaza batumweko.

Muri runo rutonde dusangamwo abakinyi basanzwe bakina icicaro ca mbere gusa

Intamba mû Rugamba za bari musi y’imyaka 20 batahukanye itsinzi y’ibitsindo (2-0) i Addis-Abeba mû rukino rwambere rwabahuza na Ethiopia mû majonjora yo kurondera itike z’igikombe ca Afurika CAN 2019.

Umumenyereza w’Intamba mû Rugamba Joslin BIPFUBUSA yatumyeko abakinyi mirongo ibiri n’abatanu (25) vyimfata kibaza kugira ngo baze bitegurire urukino rwo gusubiriza ruzobahuza na Ethiopia rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 21/Ndamukiza uno mwaka,Mû ntara ya NGOZI ku Kibuga Urukundo.

Muri runo rutonde dusangamwo abakinyi basanzwe bakina icicaro ca mbere gusa (Primus Ligue).

Abakinyi umunani (8) bo muri Aigle Noir y’iMakamba, bane (4) bo muri Musongati Fc y’iGitega, batatu (3) bo muri Messager Ngozi, Ngozi city, Buja city na Lydia Ludic sport 4Africa iyo migwi yose ifisemwo abakinyi babiri babiri buri umugwi,mugihe Vital’o Fc, Delta star, Les Lierres na Olympic star bafisemwo umukinyi umwe umwe muri runo rutonde.

Urutonde rwuzuye nguru ngaha:

1.RUKUNDO Onesime(MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Arlly Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Haile Shalom (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa( AIGLE NOIR)
5.MURYANGO Moussa(VITAL’O)
6.NDORIYOBIJA eric (LLB)
7.HAKIZIMANA Erithie (AIGLE NOIR)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR)
11.NDAYE Chancel (LLB)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI)
13.MBIRIZI Éric(BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano(AIGLE NOIR)
15.EZA Armel( NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NSENGIYUMVA Rahim (MESSAGER NGOZI)
18.DJUMA muhamed ( MUSONGATI)
19.KWIZERA Eric( LES LIERRES)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA bienvenue (AIGLE NOIR)
23.IRAKOZE Saidi ( MUSONGATI)
24.MAVUGO Cedric titi ( AIGLE NOIR)
25.MPISEMWONEZA Ladislas (MESSAGER NGOZI).

Imyimemyerezo rero zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza uyu mwaka turimwo kuri Centre Technique National benshi bamenyereye (CTN) mû Ngagara.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.