KABURA Léopold Hamwe na Grégoire NKESHIMANA Bagiye Kuza Barasasa Muri Sentare Ijejwe Kwubahiriza Ibwirizwanshingiro

Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro

Copyright@RTNB en ligne

Kuri uyu wa gatatu,niho  abacamanza babiri mu bagize Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro ariko batamaho barahira imbere y’umukuru w’igihugu. Mukurahira bakaba biyemeje kwubahiriza ubumwe bw’abarundi n’Ibwirizwanshingiro ataho begamiye.

Hisunzwe itegeko ry’Umukuru w’igihugu nomero 100/035, ryo ku wa 29 Ntwarante 2018, KABURA Léopold hamwe na Grégoire NKESHIMANA bagiye kuza barasasa muri Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro.

Abo babiri barahiye imbere y’Umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatatu bakaba biyemeje kwubahiriza ubumwe bw’abarundi n’ibwirizwanshingiro, ko bazorangurana ubwira imirimo yabo ataho begamiye no m’ubwigenge, hamwe no kugumya ibanga ry’akazi, kandi ko bazogendera ubuntu.

Tubamenyeshe yuko abo bashasha bagize Sentare ijejwe kwubahiriza ibirizwanshingiro  biyongereye ku bandi batanu bamaho.

Tubamenyeshe yuko kandi ivyo birori vyabereye mu biro vy’Umukuru w’igihugu aho abo bacamanza bahejeje kurahira baciye baja kuramutsa Umukuru w’igihugu mu nyuma bagatera igikumu mu gitabo imbere y’abagize Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.