Abashingamateka Bemeje Integuro y’Itegeko Rigenga Amasezerano Yuko u Burundi Bwokwinjira mw’ibanki Nyafrica y’Urudandazwa Rwinjira N’urusohoka AFREXIM BANK

AFREXIM BANK

copyright@infoGrands lacs

Inama Nshingamateka yemeje kuri uyu wa kane integuro y’itegeko rigenga amasezerano yuko u Burundi bwokwinjira mw’ibanki nyafrica y’urudandazwa rwinjira n’urusohoka AFREXIM BANK. Nkuko umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien NDIHOKUBWAYO yabishikirije ngo  iyo banki izogirira akamaro kanini u Burundi mubijanye n’ubutunzi.

Umushikiranganji w’ikigega ca leta  Domitien NDIHOKUBWAYO yasiguriye abashingamateka akarusho u Burundi buzokura mw’i banki  AFREXIM mu gihe rwoyishiramwo umutahe  aho buri igihugu cateye umukono mu masezerano rwishinga ryiyo banki gisabwa amafaranga angana 3.900.000.000 za marundi. Ngo rero mu ntumbero yo kwongereza ayandi mahirwe yo kuronka ingurane ariko ico gihugu nyene kikaba gifise uburenganzira bwo kwongerako ayandi mafaranga  mu mutahe.

Domitien NDIHOKUBWAYO  yabandanyije avuga yuko u Burundi buzoronka akarusho kuko iyi bankI isanzwe ikorera mu bihugu vyinshi vyo muri africa  kandi imaze kurangura ibitari bike biboneka mu bijanye n’ugufasha mu kwubaka ama barabara, mu kwubaka ibibuga vy’indege, mu gushigikira imigambi y’uburimyi , mu gushigikira imigambi yo gucukura ubutare . Kubwa Domitien NDIHOKUBWAYO, ngo u Burundi burafise amatungo kama adasanzwe ashobora gutuma ubutunzi bwiyongera. Ngo rero u Burundi burakenera amafaranga yo kugira ubutunzi bufise buvemwo inyungu ari naho iyo  banki nayo yogira ico iterereye kugira ngo iyo migambi ishobore kuranguka.

Domitien NDIHOKUBWAYO  yamenyesheje kandi yuko hoba  akarusho kanini rwose u Burundi bushoboye kwinjira muri iyo banki, kuko ku ruhande rumwe, imitahe  u Burundi buzoshiramwo  izovyara inyungu, ku rundi ruhande u Burundi buzokuramwo uguhanahana uburyo kugira imigambi y’iterambere leta ishire imbere ishobore kuronka uburyo bwo kuranguka.

Tubamenyeshe yuko iyo banki  ifise icicaro i Caire mu gihugu ca Egypte. Hama bimwe mu bihugu biyifisemwo imitahe ni Congo Brazzaville, Cameroun, Ouganda, Kenya, Gabon, Tanzanie, u Rwanda n’ibindi.

Tubamenyeshe yuko abashingamateka bahejeje guca hirya no hino ibijanye niyo nteguro y’itegeko bakaba baciye bayemeza ijana kwijana. Ku bashingamateka 106,95 bakaba bitavye iyo nama hamwe na 11 batumye.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.