#CECAFAU17.Uburundi butsindiwe i muhira na Kenya mu rukino rwokugurura..

#CECAFAU17.Uburundi butsindiwe i muhira na Kenya mu rukino rwokugurura.

                          Inkino zi gikombe ca Cecafa gihuza imigwi nserukira bihugu vyo mukarere ka afurika y’ubuseseruko kubakinyi batarenza imyaka cumi n’indwi (17) zatanguye kuruyu wa gatandatu mu ntara ya Muyinga ku kibuga Umuco.

Murukino rwo kwugurura izo nkino ziriko zibera mu gihugu c’uburundi, Intamba mu rugamba yemeye gutsindirwa muhira iwabo n’igihugu ca Kenya ibitsindo bine ku busa bw’Intamba 4-0.

Harambe Stars yabakiri bato vyayisavye gusa iminota cumi n’itanu yo gutsinda Intamba ibitsindo bibiri ku busa 2-0 mu gice ca mbere c’urukino, mugice ca kabiri Harambe stars (Kenya) iza gushimangira igikorwa yari yakoze mu gice ca mbere warongerako ibindi bitsindo bi biri mu gice ca kabiri urukino rurangira Intamba mu rugamba imbere ya barorerezi bayo ibonye ibitsindo bine ku busa (4-0) mwizamu ryabo.

Harambe stars yabakiri bato itanguye neza yironkera amanota atatu (3) mu rukino rwambere mwitsinda rya A, rihurikiyemwo Uburundi yakiriye izo nkino, Somalia, Ethiopia.

Intamba mu rugamba yabatareza imyaka 17 imenyerezwa na Vivier BAHATI yari yatanguje mu libuga abakinyi bakurikira

HABUKA Papy, MOSI Djuma, IRUTINGABO Faustin, MASUMBUKO Jules, NDIKUMANA Ally, BUKURU Samir,IRATANGA Flavier, NIYONDIKO Davy Chastel, NIBIKORA Arthur, MUNABA Edson, NIKUZE Guy Chris.

Mugihe kurunde rwa Kenya Harambe star imenyerezwa na Chris AMINO yatanguje mu kibuga;

BRIAN Opiyo OLONGO, Hillary ODHIAMBO, Christophe RAILA, Telvin MAINA Heijkers, Costah Anjeo Nzuva, Saidi Musa KAONEKA, Arnold ONYANGO, Movine Otiendo OMONDI, Felix CHABAYA, Mathew MWENDA.

Urwo rukino rukaba rwasifuye n’umuhagarikizi w’umugande azwi kw’izina rya William OLOYA

Izo nkino zimirije ku bandanya ku ruyu w’imana, inkino zi tatu nizo zitegekanijwe kw’isaha 15h30 ku bibuga bi tatu bitandukanya;

Somalia VS Ethiopia I ngozi ku kibuga Urukundo.

Sudan VS Zanzibar I gitega ku kibuga Ingoma.

Uganda VS Tanzania I muyinga ku kibuga Umuco.

Mwomenya ko atari ubwambere Uburundi bwakiye kino gikombe ca Cecafa za bari musi y’imyaka 17  kuko muri 2006 bwari bakiriye ico gikombe ndetse gisigara I Burundi nyene aho murukino rwanyuma Uburundi bwatsinze Uganda ibitsindo bibiri ku busa (2-O) bikaba vyarinjijwe na D’amour na NGAMA Emmanuel.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.