#RayonSport: Impamvu Pierrot Kwizera atari mu rutonde rw’abakinyi bagomba kuja muri Mozambique.

#RayonSport: Impamvu Pierrot Kwizera atari mu rutonde rw’abakinyi bagomba kuja muri Mozambique.

Umugwi wa Rayon sport wo mugihugu c’urwanda usanzwe ukinamwo abakinyi batari bake bamuka mugihugu cacu c’uburundi warashize ahabona urutonde rwabakinyi icumi n’icenda (19) izojana mu gihugu ca Mozambique, mururwo rutonde Pierrot Kwizera ntarimwo, impamvu ikara itukura yahawe igihe bahuye na Costol do  sol mu rukino rwambere.

Itariki zi 6 ndamukiza uyu mwaka, mu rukino rwambere rwa majonjora (Play-off) zo mu gikombe ca  coupe de la confederation muri afrika CAF, Rayons sport i kigali yasinze umugwi wa Costa do sol yo mugihugu ca Mozambique ibitsindo bi tatu ku busa (3-0), murivyo bitsindo bitatu, Hussein Shaban Tchabalala yamuka hano iwacu mu Burundi yatsinzemwo bibiri hamwe na Kevin Muhire, ni mururwo rukino nyene Pierrot Kwizera yaronkeyemwo ikarata itukura bituma kutaza kugaragara mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe, kuruyu wa gatatu itariki 18 ndamukiza aho Rayons sport izotana mu mitwe na Costa do Sol yo muri Mozambique.

Urutonde rwabakinyi 19 Rayons sport igiye gutwara muri Mozambique naba bakurikira:

Abanyegori:

  1. Ndayishimiye Eric Bakame
  2. Ndayisenga Kassim

Abakinyi binyuma.

3.Faustin Usengimana.

4.Mutsinze Ange

5.Mugabo Gabriel

6.Nyandwi Saddam

7.Eric Rutanga

8.Irambona Eric

9.Manzi Thierry

Abakinyi bo hagati.

10.Kevin Muhire

11.Niyonzima Olivier sefu

12.Yannick Mukunzi

13.Mugisha Francois.

Abasatirizi.

14.Yassin Mugume

15.Shassir Nahimana

16.Djabel Manishimwe

17.Shaban Hussein Tchabalala

18.Ismail Diarra

19.Christ Mbondi.

Umutahe Rayon sports yibikiye mu rukino rwa mbere ni munini cane w’ibitsindo bitatu ku busa (3-0), kuko Costa do sol isabwa gutsinda ibitsindo bine ku busa (4-0) kugira ngo ironke uburenganzira bwo kubandanya nayo mahiganwa ya Coupe de la confederation muri afrika CAF.

Mwomenya ko Rayon Sports ifise abakinyi ba barundi bane bose, Pierrot Kwizera, Shassir Nahimana, Hussein Shaban Tchabalala, na Bimenyimana Bon Fils Caleb, we yahagaritswe na Caf kubijanye naya dosiye ya Rayon Sport na Lydia ludic sport for Africa yagirijwe kuba nawene yagize uruhara muri ruswa yavurwa.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.