#EGYPT: Imwe muri rokoro ihambaye ishobora gukorwa na Essam El Hadary mu gikombe c’isi!

#EGYPT: Imwe muri rokoro ihambaye ishobora gukorwa na Essam El Hadary mu gikombe c’isi!

Essam El Hadary arashobora kuba umukinyi wa mbere akinye urukino rw’igikombe c’isi yose afise imyaka myinshi cane muci riza.

Ivyo birashobora kuba, kumvo zuko umunyegori ntabanduka w’umugwi nserukira gihugu wa misiri Ahmed El Shenawy, yarababaye kw’ivi ndetse bimaze gushirwa ahabona ko atazogara gara mugikombe c’isi yose kigiye kubera mu gihugu c’uburusiya muci riza, ivyo rero bikaba bigiye guha akaryo Essam El Hadary umunyegori wa Al-Taawoun hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa misiri, El Hadary afise amateka menshi cane yo gusamira misiri imyaka myinshi, kuva mu 1996 gushika ubu, biboneka ko ari imyaka mirongo ibiri n’ibiri ari mwizamu rya misiri,

Essam El Hadary ku myaka 45 ya mavuko inkino 154 mu mugwi nserukira gihugu, niya ramuka aja mw’igori mu gikombe c’isi yose azoca aba umukinyi wa mbere akinye igikombe c’isi yose afise imyaka myinshi ya mavuko, rokoro gushika muri kino gihe ifiswe n’umunya colombiya, Faryd Mondragon, yakinye igikombe c’isi yose afise imyaka 43 n’imisi 3, igihe umugwi wiwe wa Colombiya watana mu mitwe na Japan baratsinda (4-1), aho uyo mukinyi yakinye urwo rukino iminota itanu gusa.

Essam El Hadary ninde?

Muncamake Essam El Hadary kw’izina ryiwe ryose yitwa Essam Kamal Tawfiq El-Hadary n’umunyegori w’umugwi nserukira gihugu wa misiri yavutse igenekerezo rya mbere nzero mu 1973 afise imyaka 45 ya mavuko, yavukiye ahitwa Kafr El-Battikh, Damietta.

Afise ubure bure bw’imetero imwe na santimetero mirongo umunani n‘umunani (1.88), akaba ari umunyegori w’umugwi wa Al-Taawoun yo mu gihugu ca Arabi saudite.

Essam El Hadary yatanguye gukina ivy’umupira wa maguru mu 1991 muri Damietta mu mugwi wa bakiri bato mu gihugu iwabo, mu 1993 akina mu ruwo mugwi nyene ariko wabakuze, yaciye mu migwi myinshi cane nka Al Ahly Sc, Sion, Ismaily, Zamalek, Al Merreik, Al-Ittihad Alexandria, Wadi Degla ubu aka ari muri Al-Taawoun.

Essam Kamal Tawfiq El-Hadary yatanguye kuja mwizamu ry’umugwi nserukira gihugu wa misiri mu 1996 gushika nubu.

 

        El-Hadary ariko arigina itsinzi umugwi wiwe wa ba farao wari bamaze kuronka uburengazi bwo kuja mu burusiya mu gikombe c’isi yose.

El Hadary amaze gutwara ibikombe vya afrika (Africa cup of nations) incuro zine ari kumwe na misiri mu 1998, 2006, 2008, 2010.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.