Abasegereza mu ma Barabara Bafise Gushika Kuri Uyu wa Kane Igenekerezo rya 19 Ndamukiza Kuba Baravuye mu ma Barabara yose yo mu Gisagara ca Bujumbura.

abana bo mw’ibarabara

copyright@seneweb.com

Mw’itangazo ryasohowe ku wa 17 Ndamukiza 2018 n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati , ubwo bushikiranganji bwifadikanije n’ubw’agateka kazina muntu  hamwe no bw’umutekano mu gihugu bumenyesha ko abasegereza mw’ibarabara bategerezwa kuba baravuye mu ma barabara gushika kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018. Ubwo bushikiranganji bwandika ko ico gikorwa co gukura abantu mw’ibarabara cishimikije itegeko nomero 1⁄27ryo kuwa 27 kigarama 2017 rihana icaha co gusegerereza.

Muri iryo tangazo nyene ubwo bushikiranganji busaba abarongoye intara‚ ibisagara‚ ama komine n’imitumba kwitegurira kwakira uwo wese azoba avuye mw’ibarabara.

Tubamenyeshe yuko iryo tangazo  rimenyesha ko ingingo zizofatwa kuri uwo wese atazokwubahiriza isango ryo kuwa 19 Ndamukiza. Kandi ko abakorwako niyo ngingo ni abantu bose basabiriza‚ abana‚ abakuze canke ibimuga.

Tubamenyeshe kandi yuko iryo tangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.