#ARSENAL: Arsène Wenger yatangaje ko agiye kuva muruyo mugwi mu mpera z’uno mwaka.

#ARSENAL: Arsène Wenger yatangaje ko agiye kuva muruyo mugwi mu mpera z'uno mwaka.

Maxifoot

Ikintu cose cama gifise intango kikagira n’iherezo ryaco, ivyo bimeze ukonyene no ku mumenyereza wa Arsenal, Arsène Wenger yamenyereje uyo mugwi kuva mu 1996 bivuzeko haheze imyaka 22 amenyereza The Gunners, ku ruyu wa gatanu itariki 20 ndamukiza, Arsene Wenger wenyene yashize ahabona ko agiye gutandukanya na Arsenal mu mpere zuno mwaka w’inkino nukuvuga ko mu wundi mwaka wa 2018/2019 atazoba arikumwe na Arsenal, ingingo yamenyesheje abicishije kuri ku kinyamakuru  cuwo mugwi.

 Kurico kinyamakuru ca Arsenal, Arsene Wenger yagize ati : « Inyuma yo gufata umwanya murere mure wo kwiyumvira hamwe no kuvugana n’umugwi na fashe ingingo yuko hakeze ko ntandukanya na Arsenal mu mpera zuyu mwaka w’winkino » ivyo nivyo vyashikirijwe nuwo mu faransa w’imyaka 68 Arsène Wenger yamenyereje kera As Monaco,  yabandanije avuga ati : « Naritanze gose mu kumenyereza Arsenal nitaho cane ivy’umugwi. Ndashimiye abafana, Abakinyi, Staff hamwe n’ubuyobozi bw’umugwi, ndasavye kandi ko abakunzi b’umugwi bobandanya kuza kudushigikira kugira ngo turangize umwaka w’inkino neza.» 

Ivyo rero, Wenger abishikirije inyuma yaho abafana ba Arsenal batakiza kurorera uyo mugwi ku kibuga ca Emiretes kuko benshi basaba ko Arsène Wenger yo tanga imihoho.

Umwaka wiwe wa nyuma muri Arsenal, uyo mugwi nta burenganzira waronse wo kuja muri EUFA Champions League mu mwaka uza kubera ko Arsenal iri mu kibanza ca 6 isumbwa  amanota 14 n’umugwi uri mu kibanza ca 4 muri English Primier League . Ariko kugira ngo arangize afise igikombe, ategerezwa gutsinda Atletico Madrid mu gice ca 2 gishira icanyuma muri Europa League, itariki 26 ndamukiza 2018 mu rukino rwa mbere ruzobera mu bwongereza kuri Emirates

Stadium, urwo gusubiriza rukinwe itariki 3 Rusama 2018 muri Espagne.

Mwomenyako Arsène Wenger atangaje ko azova muri Arsenal amaze kuyiha ibikombe bi tatu (3) vyo mu bwongereza Primier League, super cup indwi (7) zo mu bwongereza, igikombe kimwe (1) co mu bwongereza.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.