Haracibonekeza Abantu Basegereza Mu Barabara Mu Gisagra Ca Bujumbura Inyuma Yaho Ubushikiranganji bw’Intwaro Yo Hagati Mu Gihugu Bubirukaniye Muri Ayo Ma barabara.

abana bo mw’ibarabara

copyright@seneweb.com

Mu ma barabara amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura uhura n’abana hamwe n’abakuze basegereza. Abaganiriye na Magaratimes kuri uyu wa gatandatu bavuga ko badafise iyo baja kandi ko bugarijwe n’ingorane nyinshi, ingorane yo kubura aho baba, ingorarana yokubura ivyo bafungura n’ibindi

Ngo kubirukana mw’ibarabara ni nko kubahohotera  kuko bobo batiba. Ivyo bivugwa n’umunyagihugu asegereza afise imyaka 50 akaba afise abana batanu. Ngo bahabwa n’umuntu ashatse kubafasha ngo kandi batagiye mw’ibarabara ntibaronka ico bashira abana ngo kandi nta numwe azoza kubafashiriza muhira.

Uwundi mwana nawe  twahuye mw’ibarabara asegereza avuga ko adashobora gusubira ruguru iwabo kuko atinya kwerekana abavyeyi biwe ngo kuko baca babafata  bakabafunga.

Tubamenyeshe yuko umuce munini wabasigaye mu ma barabara basegereza ari abantu bagendana ubumuga.

Tubamenyeshe kandi yuko kuva aho babirukaniye murayo ma barabara, abantu bagera ku 266, nibo bamaze gukurwa mu ma barabara. Aho naho ni mu ntara za Cibitoke, Kayanza na Ngozi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.