#PRIMUSLIGUE: Vital’o fc na Olympic star imaze imyaka ibiri yikurikiranya idatsindana muri Primus ligue.

#PRIMUSLIGUE: Vital’o fc na Olympic star imaze imyaka ibiri yikurikiranya idatsindana muri Primus ligue.

Www.magaratimes.com

Murukino rw’ikirarane rwa hujije umugwi wa Vital’o fc na Olympic star yi Muyinga rwarangiye ubusa ku bundi (0-0), urukino rwabereye ku kibuga ivyizigiro yo mu Rumonge.

Kunganya kwa vital’o Fc na Olympic star bisa nibi maze kuba umugenzo kuko haraciye imyaka ibiri y’inkino yikurikiranya iyo migwi idatsinda ndetse igitangaje nuko ivanako ubusa ku bundi (0-0).

Muri 2016-2017 urukino rwa mbere n’urwo gusubiriza I muyinga ndetse no mu Rumonge iyo migwi yose yaranganije (0-0), muri 2017-2018 iyo migwi kandi yasubiriye kunganya urukino rwa mbere n’urwa kabiri ivyo rero vyerekana uguhangana kudasanzwe kuri hagati yiyo migwi ibiri Umwo urongowe na Simeon BARAYANDEMA ariwo Olympic star, uwundi urongowe na Benjamin BIKORIMANA.

Urwo rukino rwahujije Vital’o fc na Olympic star igice ca mbere c’urukino carangiye ata mugwi numwe utsinze uwundi, ariko kubijanye n’ubusumba sumbane imigwi yose yasa niyinganya inguvu, yaba Vital’o fc yaba Olympic star bose basatiranye ndetse baronse n’imyanya ihagije, aho kuruhande rwa Vital’o fc KASHINDI Joseph yahushije igitsindo ki boneka arikumwe nu munyegori HAKIZIMANA Ibrahim hama Kuruhande rwa Olympic star, Slim SAIDI yahushije na wene igitsindo abonana imbona nkubone na Jonathan NAHIMANA nko ku metero zi 6 hagutera mw’igori awutera hanze.

Nubwo ata mugwi watsinze uwundi muri kino gice ca mbere, ariko kikarangira hasohowe ikarata imwe y’umuhondo yeretse, Hassan Junior wa Olympic.

Igice ca kabiri Vital’o fc iza yazikenyereye yerekana ko y’ipfuza igitsindo kuburyo bakoresheje abakinyi ba Olympic star amakosa atari make aho MBAZUMUTIMA Baba yaronse ikara y’umuhondo yakoreye ikosa MBIRIZI Christian hafi ya muri mukore umbone ariko atanakimwe vyavuyemwo, KASHINDI Paul nawe nyene yeretswe ikarata y’umuhondo mugihe kuruhande rwa Vital’o f cata numwe yeretswe ikarata.

Nubwo Vital’o fc yagerageje ntacavuyemwo ariko urukino rurangira ata mugwi numwe utsinze uyundi. Vital’o fc imenyerezwa na Jean Gilbert KANYENKORE yatanguje mu rurwo rikino abakinyi aba bakurikira :1.Jonathan NAHIMANA, 3.KIZA Fataki, 23.NIMUBONA Vianney, 4.Assumani Hamisi, 26.NDIZEYE Samuel, 13.TOYI Steve, 8.NTAHOBARI Athumani, 6.NDIKUMANA Moussa, 3.KASHINDI Joseph, 10.MBIRIZI Christian, 2.MURYANGO Mussa.

 ku ntebe ya basubirira harimwo 7.HAKAZIMANA Nuru, 21.SAIDI Djuma,  17.MUBANGO Prince, 18.TUYISENGE Emery, 22. RUGERINYANGE Joseph, 12.FATAKI Justin, 11.NGENZI Issa.

 

Mugihe muri Olympic star uyu musi yari ifise NGABO Diomede bivanye n’ikarata Hussein Welo NAHIMANA yari yahagaritse bivanye n’ibihano yafatiwe mu rukino Olympic Star yatanye mu mitwe na Flambeau de l’est mu Ruyigi.

Olympic star yatanguje mu kibuga: 30.HAKIZIMANA Ibrahim, 4. MUHUZA Patient Zokora, 14.MWENEBANTU John Anzor, 2.MBAZUMUTIMA Baba (C), 26.KABURA Christian, 23.GIRUKWISHAKA Fabrice Fafa, 5.RAMADHAN Pascal, 11.KASHINDI Paul, 8.HASSAN Junior 3.Slim SAIDI, 15. MUDASIRU Iddy.

Www.magaratimes.com                                                                                                                                    Ku ntebe ya basubiriza hariyo: 21.HAKIZIMANA Arnauld, 19.SIBOMANA Abdoul, 22.Djuma Harouna, 10.NDINDA Alain Jupin.

Urwo rukino rwasifuwe na:

Www.magaratimes.com

IRAKOZE Arthur umusifuzi wo hagati, NDIMUNZIGO Pascal na NKURUNZIZA Desire abasifuzi bo kuruhande, umusifuzi agira kane ni HAKIZIMANA Mukiwa, komisere w’urukino yari NGENDAKURIYO Emmanuel.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.