Abigeme 25 Ba Barundikazi Ngo Barahagaritswe n’Igipolise Ca Kenya i Westlands Nairobi Muri kenya Itarikiki 20 z’uku Kwezi Kwa 4

abigeme 25 bafatiwe muri kenya

Copyright@www.the-star/co/ke sites

Abigeme 25 ba barundikazi ngo barahagaritswe n’igipolise ca Kenya muri kenya itariki 20 z’uku kwezi kwa 4. Bivugwa n’uwurongowe ishirahamwe ONLCT ryishinze kurwanya urundandazwa rw’abantu hamwe na mabi akorerwa abakenyezi n’abana. Prime MBARUBUKEYE akavuga ko usanga bugaranywe mu mazu imbere yuko bajanwa kugurishwa. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa mbere.

Prime MBARUBUKEYE amenyesha yuko i gipolisi ca Kenya cabatoye aho bita westlands i Nairobi mu gihugu ca kenya. Abo bigeme 25 bari bagiye kudandazwa  mu bihugu vy’abarabu. Muri ico kibanza ngo hafatiwemwo kandi  abagabo 2  bivugwa ko ari bo bari bagiye kubadandaza.

Ngo  mu ntumbero yo kurwanya  urwo rudandaza mu Burundi hamwe no mu bihugu biri muri Africa y’ubuseruko, ONLCT iriko iragerageza gushira mu ngiro  campagne  « SIMAMISHA » ya 2  kuva mu ntango z’uno mwaka.

Ngo Ni kubw’iryo  himirizwa SIMAMISHA 2, ONPLCT imenya amakuru atandukanye kuvyerekeye urudandazwa rw’abantu mu karere ka africa y’ubuseruko. Ngo ONLCT yamenyeshejwe nabo bakorana muri iryo himirizwa ko hari inzu zugaraniyemwo abigeme n’abagore biteguriwe kuja kudandarizwa mu bihugu vya OMAN na ARABIE SAOUDITE.

Prime MBARUBUKEYE akaba yarangije asaba yuko interpole y’u Burundi yovugana na interpole y’igihugu ca Kenya kugira ngo barabe ingene abo bigeme babarundikazi botahukanwa.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.