CECAFA U-17: Serengeti boys na Ocean stars niyo migwi yaronse uburenganzira bwo kuja mugice ca nyuma.

CECAFA U-17: Serengeti boys na Ocean stars niyo migwi yaronse uburenganzira bwo kuja mugice ca nyuma.

WWW.magaratimes.com

Igihugu ca Tanzanie aribo Serengeti boys hamwe na Somalie ari Ocean boys nivyo bihugu vyaronse uburengazira bwo gukina igice ca nyuma ca finale muri CECAFA U-17.

Ni nyuma yaho Tanzanie yatsinze 2-1 igihugu ca Kenya mu gice ca kabiri gishira icanyuma kuruyu wa gatatu, mu rukino rwabereye mu ntara ya Muyinga ku kibuga Umuco.

Mugihe Somalie yatsinze 1-0  igihugu ca Uganda ku rukino rwabereye mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma.

Ivyo bihugu bibiri Tanzanie na Somalie nivyo vyaronse uburengazira bwo kuzokina urukino rwa nyuma rwa finale ya Cecafa ya bari musi y’imyaka 17, urukino ruzoba kuruyu w’imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018, ruzobera mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, bitegekanijwe ko Ahmed Ahmed umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF atagihindutse ashobora kuza gutera iteka urwo rukino.

 Igihugu ca Tanzanie (Serengeti boys) ishitse mu gice ca nyuma ibifashijwe na Jafari Juma Mtoo hamwe na Kelvin Paul mugihe igitsindo kimwe ca Kenya cinjijwe na Isaih Abwal.

Igice ca mbere c’urukino carangiye imigwi yose inganya kimwe ku kindi (1-1), igigugu ca Kenya nico catanguye kuronka igitsindo hakiri kare gose cane ku munota w’icenda, igitsindo c’injijwe na Isaih Abwal aho vyabonetse ko Kenya inyuma yokuronka ico gitsindo ntibahagarikije gusatira igori rya Serengeti boys, igitsindo ariko kitafashe umyanya muremure cane kugira ngo kigomborwe, iminota 13 gusa niyo cafashe, Serengeti boys barakigombora igikesheje Jafafi Juma Mtoo vyumvikana ko hari ku munota wa 22’, Kenya ibandanya isatira ariko atanakimwe vyavuyemwo.

 Igice ca kabiri mu minota ya mbere abasore ba Serengeti boys baza berekana ishaka ryinshi cane, basatira bimwe bikomeye izamu rya Kenya, ku munota wa 54’ wu rukino Kelvin Paul bivuye ku busamazi bw’abakinyi binyuma ba Kenya, aba arabacumisemwo ica kabiri, mu minota 10’ yanyuma Serengeti boys iza kuzibira izamu ryayo ivyo bisubira guha akaryo Kenya kubasatira gose mw’izamu ryabo ariko iminota mirongo icenda irarangira, umuhagarikizi w’urukino akomoka mu gihugu ca Ethiopie, Amanuel Heleselass WORKU yongeramwo iminota inne ya gasunuzo ariko ntacavuyemwo,  urukino rurangira Serengeti boys 2 Kenya 1.

 Ku mukenyurwo wa 4-4-2 Serengeti boys wakinye, wifashije abakinyi bakurikira: Salum Lupepo, Alpfonce Msanga, Mustapha Nankuku, Jafari Juma Mtoo, Morice Ibrahim (C), Pascal Msindo, Lenox Chande, Edson Nshirakandi, Bashir Abdoul (GK), Agiri Ngonda, na Kelvin Paul.

WWW.magaratimes.com

 Mugihe Kenya nayo yakinye umukenyuro usa nuwa Tanzanie wa 4-4-2  bifashije abakinyi nka: Telvin Hijkers, Lawrence Khayako, Arnold Onyango (C), Mathew Mwendwa, Nicolas Omondi, Daniel Ochieng, Isaih Abwel, Patrick Wanjohi, Micheal Obango, Maxiwell Lulipi (GK), na Lesley Owino.

WWW.magaratimes.com

 Mwomenyako Kenya n’igihugu ca Uganda nivyo bizokina urukino rwo kurwanira ikibanza ca gatatu kuruyu wa gatandatu itariki 28 ndamukiza uyu mwaka nyene.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.