#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane wa buraya.

#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane wa buraya.

footmercato

Manchester city nta mugambi bafise wo kugurisha umukinyi wabo w’inyuma wu mwongereza John Stones 23, kubera ko akiri mu migambi y’umumenyereza Pep Guardiola.

(Daily Telegraph)

Manchester city irafise icizere ko ishobora kuronka umukinyi wo hagati wa Fc Barcelona, Andres Iniesta 33, yipfuzwa kandi na Paris St Germain yo mu bufaransa hamwe n’imigwi yo mu bushinwa.

(AS)

Manchester united itegerezwa gutanga imiriyoni £40 hamwe na Luke Show kugira ironke umukinyi w’inyuma wa Tottenham Danny Rosse muci rigiye gutangura.

(The sun)

Chelsea nayo ngo ntizogurisha umusatirizi wayo Alvaro Morata hamwe n’umukinyi wabo wo hagati Tiemoue Bakayoko kiretse bonyene bisabiye kuva muruyo mugwi.

(Daily Teleghaph)

Arsenal irafise icizere co kugena umumenyereza wa kera wa Fc Barcelona nk’umumenyereza azoza gusubirira Arsene Wenger, yatangaje ko azova muruyo mugwi mu mpera za shampiyona.

(Daily Mirror)

Uyundi mu menyereza Arsenal yipfuza ni Joachim Low amenyereza umugwi nserukira gihugu w’ubudagi bivurwa ko ashobora kwemera kuza muri Arsenal inyuma y’igikombe c’isi yose.

(The Times)

Real Madrid yahagaritse umugambi wayo wo kugura Harry Kane ahubwo bagiye gukomeza bipfuza umusatirizi wa Bayern Munich, Robert Lewandowski bamye bipfuza kuva kera.

(The sun)

Tottenham iri mu bihaniro vyo kwongereza amasezerano umukinyi wabo w’inyuma kuruhande w’imyaka 21 Kyle Walker Peters.

(ESPN)

Leicester city imaze gushira mu rutonde rw’abakinyi yipfuza kugura, umunya Portugal, Ricardo Pereira wa Fc Porto igiciro ciwe ari miriyoni £36

(Mirror)

Umugwi waduze muri Premier League Wolves uripfuza umukinyi w’inyuma wa Man city Eliaquim Mangala atangorane azotera uyo mugwi kuko ahembwa ibihumbi mirongo umunani n’abitanu kundwi vya ma pawundi (£85.OOO/week)

 Mukiganiro  The Alan Brazil Sports Breakfast c’ikinyamakuru Talksport Davide Ginola yavuzeko Mo Salah ashobora ku mugereranya na bakinyi bibihangange bari ku mugambane wa buraya kandi ko amaze kuja mu rwego rumwe nabo, Ginola yagize ati : « Salah n’umunyamahirwe ubu ikintu cose akoze kigenda neza mu kibuga.»

« Urashobora ku mugereranya Mo Salah n’umukinyi uwariwe wese akomeye ku mugabane wa buraya, ivyakora n’ibitangaza kabisa.» ivyo vya vuzwe na Davide Ginola.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.