Ingingo Yo Kurihisha Amafaranga Ibihumbi Mirongo Itanu (50.000) Abanyeshure Bashasha Bo Muri Kaminuza y’u Burundi Mu kigo Ca Kiriri Ngo Ni Ntabanduka

Kaminuza yu Burundi

copyright@ agence bujumbura news

Ingingo yo kurihisha amafaranga ibihumbi mirongo itanu (50.000) abanyeshure bashasha bo muri kaminuza y’uburundi mu kigo ca kiriri ngo ni ntabanduka, ivyo bishikirizwa na Anatole NZINAHORA umuyobozi ajejwe ibigo vya kaminuza inyuma yaho bamwe muri abo banyeshure bafatiye ingingo yo gutaha kuko babuze ayo bariha mu gihe batararonswa ingurane bemerewe. ANATOLE NZINAHORA akemeza ko adashobora kugaburira no kugumiza abanyeshure mu bigo vya kaminuza ku buntu.

Ngo mu bisanzwe abanyeshure baza kwiga mu mwaka wa mbere ntibashikira mu buraro ngo baja mu buraro bageze mu myaka iri mbere.

Anatole NZINAHORA amenyesha yuko hari abanyeshure badashobora kwiga bataba mu buraro nk’abiga muri IEPS n’abiga ivya TIC bijanye n’ubuhunga bwa none. Abo mu bisanzwe biga baba muburaro mugabo ubu vyarahindutse bazohabwa ingurane (pre-bourse). Ngo uko bimeze n’uko kaminuza  idashobora gucumbikira umunyeshure itazi ko azoronka iyo ngurane kuko barashobora kutakaronka bose canke ntibagasabe bose. Ngo ayo mafaranga afasha kaminuza kugira ishobore kubacumbikira no kubagaburira kugira ngo igihe batakaronse ivyo bafunguye bibe birishwe.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.