PRIMUS LIGUE B: Transport fc yanganije n’umugwi wa nyuma, Kayanza utd irahagarikwa, Rumonge city iracumbagira.

PRIMUS LIGUE B: Transport fc yanganije n’umugwi wa nyuma, Kayanza utd irahagarikwa, Rumonge city iracumbagira.

Www.magaratimes.com

Mundwi ya 12 ya Primus Ligue B, icicaro ca kabiri mu Burundi, yatanguye kuruyu wa gatanu ku bibuga bitandukanye vyo mu gihugu iwacu, umugwi wa Transport wanganije ubusa ku bundi (0-0) na Espoir Fc iri mu kibanza ca nyuma mw’itsinda rya A, urukino rwabereye ku kibuga ca DCA  kiri mw’inkambi y’abasirikare mu kigobe.

Transport Fc yamenyerejwe na NAHIMANA Rodrigue,icegera c’umumenyereza mukuru Robert BIMENYIMANA we atagaragaye ku ntebe y’ubumenyereza muri runo rukino, imvo ari mu rugendo rwa kazi, bagerageje kurondera itsinzi hasi hejuru ariko biranka gutsinda umugwi wa Espoir fc wari uyobowe na kizigenza, NDIKUMANA François benshi bazi kw’izina rya Epo bivanye nuko abakinyi ba Espoir Fc bakinira kurondera amanota azotuma badakoroka icicaro, bari mu kibanza ca nyuma mwitsinda ryabo rya mbere ariryo A n’amanota 9 mu gihe bagisigaje inkino zi 2.

Kubindi bibuga, Rumonge city yo mu ntara ya Rumonge kuri Camp Rukinga inganya (1-1) na Les elephants yi Bubanza bitunye iciye icumbagira mu kurwanira ikibanza ca mbere na Kayanza utd, yo yahagarikijwe na Unité Fc ya Frank GAHUNGU ku kibuga umuco kiri mu ntara ya Muyinga, itsindwa  igitsindo kimwe ku busa (1-0).

Moso sugar yo mu ntara ya Rutana itsinda igitsindo kimwe ku busa (1-O) Les crocos yo mu Rumonge.

Iyi ndwi ya 12 itegekanijwe kubandanya kw’itariki 28 na 29 ndamukiza 2018.

 Ejo kuwa gatandatu hategekanijwe urukino rumwe gusa igihe c’isaha icenda (15h) ku kibuga co muri Camp Rukinga mu ntara ya Rumonge, Magara star imenyerezwa na Christian KABERA batazira Mourihno izokwakira Busoni star yo mu ntara ya Kirundo.

Ku musi w’imana haho hazokinwa inkino zi 3.

Inkino zi 2 murizo zi 3, zizobera ku kibuga ca Don Bosco kiri muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura.

Isaha 13h00: Volontaire Fc izotana mu mitwe na Muzinga Fc, umugwi w’igisirikare c’uburundi.

Isaha 15h00: Rukinzo Fc y’igiporisi yambikane na B.S Dynamik y’igiporisi gicungera inzego za reta.

Urundi rukino ruzobera ku kibuga Urunani kiri mu ntara ya Cibitoki, igihe c’isaha 15h00 hagati y’imigwi ya Rusizi Fc na Bumamuru Standard yose yo mu ntara ya Cibitoki.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.