#AigleNoir: Abakunzi buyu mugwi nta ngingo nimwe bashobora gufata kuvyerekeye ubuzima bw’umugwi.

#AigleNoir: Abakunzi buyu mugwi nta ngingo nimwe bashobora gufata kuvyerekeye ubuzima bw’umugwi.

Www.magaratimes.com

Abakunzi bâ Aigle noir (The fighters) nta ngingo nimwe bashobora gufata kubijanye n’ubuzima bwuyo mugwi, ivyo n’ivyashikirijwe na Joslin BIPFUBUSA, umumenyereza wa Aigle noir mu kiganiro yahaye Magaratimes inyuma yo gutsinda (3-0) umugwi wa Les Lierres muri Primus Ligue A kuruyu wa gatandatu ku kibuga ca Don Bosco kiri muri zone Buterere.

Joslin BIPFUBUSA yagize ati « Abafana nta ngingo nimwe bashobora gufata mu mugwi, uburongozi bw’umugwi bwarahagaritse abo bakinyi nuko bufise impamvu kandi ivyabaye vyose twese twari dusazwe tubizi, twari dufise abakinyi 27 havuyemwo abakinyi indwi dusigarana abakinyi mirongo ibiri kandi abo mirongo ibiri basigaye turabizera, noneho bashoboye gukina uno musi baratsinda ibitsindo bitatu » vyashikirijwe nuyu mugabo yigeze kumenyereza kera umugwi wa Messager Ngozi, Joslin BIPFUBUSA, abishikirije inyuma yaho abakunzi ba Aigle noir basabiye igarukanwa mu mugwi abakinyi 7 buyo mugwi birukanywe.

Umumenyereza wa Aigle noir yagabishije kandi abo bakunzi ko nibabanya bakoma induru yo kuguma basaba ko bogarukana abo bakinyi, barashobora no kutabaronka, nubu kandi Joslin BIPFUBUSA yagize ati  » Kukibazo cuko imbabazi zishobora guhabwa abo bakinyi bizova mu burongozi bw’umugwi ariko ntibishobora kuva kubafana kandi nibabandanya bashiramwo induru nyishi kurico kintu barashobora no kutaronka abobakinyi, nibabanze basubire hasi bareke uburongozi bukore akazi kabo »

Twobibutsa ko abakinyi birukanywe muruyo mugwi ari: NDAYISHIMIYE Youssouf Nyange, NDIKUMANA Jean Etando, RUKUNDO Therence, NAHIMANA Elois Fils, NAHIMANA Moïse, IRAKOZE Yves na NDAYISHIMIYE Eric.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.