#BurundiFootball: Umusi umwe Uburundi burashobora kuzo kwakira inkino za CAN!.

#BurundiFootball: Umusi umwe Uburundi burashobora kuzo kwakira inkino za CAN!.

Peace Park stadium

Mû myaka y’imbere uburundi burashobora kuzokwakira inkino za CAN ivyo ni bimwe mû vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu karere ka afrika y’ubuseruko no hagati (CECAFA), Nicolas Msonyi, ashikirije ivyo inyuma yo kugendera ibibuga bitandukanye vy’igihugu c’uburundi vyo mu ntara hagati biriko birubakwa.

Nicolas Msonyi mû rugendo yagize mû ntara hagati, yaratembereye intara za Makamba na Ruyigi ahariko harubakwa ikibuga ca Peace Park stadium co mû ntara ya Makamba mûgihe mû Ruyigi hariko hasubirwamwo ikibuga c’itiriwe Urumuri aho Nicolas Msonyi yabonanye na Buramatari w’intara ya Ruyigi, ABDALLAH Hassan nkuko mu bibona kuriyi foto irihasi.

Ruyigi/urumuri

Umumyamabanga mukuru wa cecafa yamenyesheje ko ashimishijwe n’urugendo yagize mu ntara hagati aho yiboneye ibibuga bitandukanye biriko birubakwa n’igihugu c’uburundi, muyandi majambo yiwe yo gukeza no gutanga icizere, Nicolas Msonyi yagize ati:

« Ndakeje abarundi kuntambwe nziza bagezeko, ndabahaye icizere yuko umusi urizina uburundi buzokwakira inkino z’imigwi nserukira bihugu za afrika CAN, igikuru nuko ivyo bibuga vyokorwa mu buryo mpuzamakungu » ivyo nivyavuzwe n’uwo mugabo yamuka mu gihugu ca Kenya, akomeye cane muri cecafa.

Akaba yongeye kumenyesha ko umusi igihugu c’uburundi kizoshakira kwakira inkino za CECAFA Challenge cup za bakuze gishobora kubisaba iryo shirahamwe naryo rikicarana na AZAM TV bakaraba ikibereye kugira ngo bafashe izo nkino zizokinwe.

Igihugu c’uburundi kimaze kwubaka ibibuga bitandukanye nk’ikibuga umuco kiri mu ntara ya Muyinga, Urukundo mu ntara ya Ngozi, Ingoma mu ntara ya Gitega, Ivyizigiro mu ntara ya Rumonge, Urunani mu ntara ya Cibitoki n’ibindi biriko birubakwa bitarahera, ivyo ni bimwe mubintu nyamukuru bitumye abantu, abakunzi b’inkino muri rusangi batofata minenerwe amajambo yashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’isharahamwe ry’umupira wa maguru muri africa y’ubuseruko no hagati Cecafa, Nicolas Msonyi ko bizoshika.

Ivyo biruko mugihe ikibuga ikibuga citiriwe Urukundo co mu ntara ya Ngozi caremejwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri afrika CAF ko ari ikibuga mpuzamakungu, ico naco kikaba ciyongeye kuri ca kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kiri mu gisagara ca Bujumbura, ubu kiriko kirasubirwamwo gushasha.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.