CECAFA U-17: Tanzanie igiye mu mateka y’ibihugu bimaze gutwara rino higanwa.

CECAFA U-17: Tanzanie igiye mu mateka y'ibihugu bimaze gutwara rino higanwa.

Umugwi nseukira gihugu wa Tanzanie, Serengeti boys niwo watwaye igikombe ca Cecafa ca batarenza imyaka 17 batsinze ibitsindo bibiri ku busa igihugu ca Somalie, ibitsindo vyinjijwe na Edson NSHIRAKANDI ku munota wa 25′ hamwe na Japhary Juma MTOO ku munota wa 66′ mu rukino rwabaye kuruyu w’imana ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.

 

Www.magaratimes.com

Muri runo rukino rwanyuma rwa (finale) ya cecafa u-17 rwabereye mu ntara ya Gitega ku kibuga ingoma rwagaragayemwo ibice bi tatu hambavu y’ibice bibiri nkuko twari dusanzwe tubimenyereye mu mupira wa maguru  ivyo bice bitatu vyaje kuboneka bivanye nuko haguye imvura nyinshi cane mu gisarara ca Gitega mu gice ca mbere c’urukino, kuburyo urukino rutari kubandanya mugihe mukibuga harimwo amazi yariko arabuza umupira kudatembera neza, bari bamaze gukina iminota 10′ yose, umuhagarikizi yamuka muri Kenya, Israel Lemayian MPAIMA afashijwe na Willy HABIMANA umurundi hamwe na Belachew YETAYEW, bashima guhagarika urukino.

Imvura ihise urukino rurasubira ukuri kwamye niko ku munota wa 25′ igihugu ca Tanzanie kironka igitsindo ca mbere cinjijwe na Edson NSHIRAKANDI yari yambaye inimero 17 ku mugongo kutyo igice ca mbere kirangira ari igitsindo kimwe ca Serengeti boys ku busa bwa Ocean Stars ba Somalie.

Igice ca kabiri c’urukino igihugu ca Somalie kiza hejuru muvyo gutembereza umupira irerekana ko yipfuza kugombora igitsindo ariko biranka bivanye n’abakinyi binyuma ba Serengeti boys nka Salum LUPEPO na Lenox CHANDE bari bahagaze neza cane babifashijwemwo n’umunyegori wabo Bashir ABDUL.  Ubusamazi bw’abakinyi ba Somalie bari baheje guhusha igitsindo ku munota wa 65′, Serengeti boys irabasatira kumupira wavuye kumpande z’ikibuga kuri LADAKI Chasambi ahereza umupira mwiza Japhary Djuma Mtoo arikumwe n’umunyegori wa Somalie, ABDULHMAN Juma ashiramwo icakabiri gutyo, amahirwe yo kugombora igitsindo kuri Somalie yari yerekanye ko yipfuza kugombora igitsindo kimwe igihugu ca Tanzanie aragabanuka.

Serengeti boys imaze kuronka igitsindo ca kabiri baciye bigarukira imyuma basiga umusatirizi wabo umwe imbere, Kevin Paul, Somalie iragerageza gusatira ariko ntacavuyemwo, iminota 90′ hongerwako iyindi 3′ ariko urukino rurangira ari 2-0.

Tanzanie, Serengeti boys itwaye igikombe cabo mbere ca Cecafa u-17 imbere y’amaso y’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri africa CAF, AHMAD Ahmad hamwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mugihugu c’uburundi FFB, Reveriyano NDIKURIYO bari bateye iteka urwo rukino.

Japhary Djuma Mtoo umusatirizi wa Serengeti boys, niwe mukinyi yagaragaye cane kuri ino cecafa kuruhande rw’igihugu ca Tanzanie ndetse no muri cecafa muri rusangi, kuko wenyene yinjirije uyo mugwi ibitsindo 4, ibitsindo anganya n’umunyakenya Isaih Abwal.

Igihugu ca Tanzanie kibaye igihugu ca 3 gitwaye kino gikombe ca Cecafa ca batarenza imyaka 17 ca 2018 cabereye mu gihugu c’uburundi mu ntara zi 3 Gitega, Muyinga, Ngozi.

Ibindi bihugu bimaze gutwara kino gikombe n’igihugu c’uburundi catanguye kugitwara muri 2007 hamwe n’igihugu ca Uganda muri 2009.

Igihugu ca tahukanye ikibanza ca 3 ni Uganda yatsinze igihugu ca Kenya ibitsindo 4-1, urukino rwabaye kuruyu wa gatandatu ku kibuga citiriwe Urukundo.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.