Burundi-Football: Sobanukirwa ivy’igikombe c’itiriwe ic’umukuru w’igihugu.

Burundi-Football: Sobanukirwa ivy’igikombe c’itiriwe ic’umukuru w’igihugu.

Www.magaratimes.com                                                  

Igikombe c’itiriwe ic’umukuru w’igihugu (Coupe du Président), n’igikombe giha uburengazira uwugitsindiye kuzoserukira uburundi mu mahiganwa y’imigwi yatwaye ibikombe iwabo (Coupe de la confédération) zo ku mugabane wa afrika. Uretse imigwi isanzwe iri mucicaro ca mbere ni ca kabiri yama yitabira inkino za kino gikombe, n’imigwi isanzwe iri mu vyicaro bitoyi yo mu ntara hagati hamwe n’imigwi yabikorera utwabo nayonyene birashika iyo yiyandikishije ikitabira inkino zici gikombe citiriwe ic’umukuru w’igihugu.

Ici gikombe c’uyu mwaka 2018 kigira icenda mu kahise kaco, ico mu mwaka uheze catahukanywe n’umugwi wa Olympic star wo mu ntara ya Muyinga gutyo ubona amahirwe yo guserukira igihugu kuncuro yabo yambere.

Lydia Ludic sport 4africa niwo mugwi umaze gutahukana akenshi kino gikombe incuro 3, igakurikirwa n’iyindi migwi nka Academié Tchite, Athletico Olympic, Vital’o fc, Messager Ngozi na Olympic star imaze kugitahukana rimwe rimwe, mugihe umugwi wa Messager Ngozi ariwo umaze gukina inkino nyishi za nyuma (Finale) incuro zi 4, umugwi wa Moso sugar niwo mugwi wo mu cicaro co hasi umazi gushika kure, mugice ca kabiri gishira icanyuma (Demi-finale) hari muri 2016 wakina ihiganwa ryo mu ntara (Championnat local) aho wasezerewe n’umugwi wa Messager Ngozi. Imiriyoni 10 za mafranga ya marundi nizo zihabwa umugwi utsindiye ici gikombe citiriwe ic’umukuru w’igihugu.

Ici gikombe c’uyu mwaka 2017/2018, inkino zaco ubu zigeze  mugice c’umunani gishira icanyuma, aho kuruyu wa kabiri itariki 01 Rusama  2018 hategekanijwe inkino 7 ku bibuga bitandukanye uku niko zizokinwa.

Mu Rumonge ku kibuga Ivyizigiro 13h00: Vital’o FC vs Rumonge city

I Gitega kuri Ingoma 15h00: LLB vs Flambeau de l’est

Mu Rutana kuri Sosumo 15h00: Club Kiremba (Bururi) vs Muzinga Fc

I Ngozi kuri Urukundo 15h00: BS Dynamic vs Muramvya City

I Muramvya kuri Royal 15h00: Santé fc de Ngozi vs Delta star

I Muyinga kuri Umuco hategekanijwe inkino zi biri:

13h00: Atletico olympic vs Musongati

15h00: Aigle noir vs Inter stars

Kuruyu wa Gatatu itariki 2 Rusama 2018.

I Gitega kuri Ingoma 15h00: Messager Ngozi vs Olympic star.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.