Urwego Rujejwe Gucungera Ibimenyesha Makuru CNC Rusaba Leta Gushiraho Amategeko Atuma Ibikoresho Vy’abamenyesha Makuru Bigabanirizwa Amakori

CNC

copyright@ site du gouvernement du Burundi

Urwego rujejwe gucungera ibimenyesha makuru CNC rusaba leta gushiraho amategeko atuma ibikoresho vy’abamenyesha makuru bigabanirizwa amakori. Karenga Ramadhan arongoye urwo rwego akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere mu gihe yariko arashira ahabona ivyaranze urwo rwego mu mwaka wa 2017.

Karenga Ramadhan avuga kandi ko bitegekanijwe ko hajaho inomero itariha kugira umumenyesha makuru agize ikibazo arwiture vyoroshe.

Karenga Ramadhan amenyesha yuko igifise ingorane zimwe zimwe zituma urwo rwego rudakora akazi neza.  ifise kugira ngo irangure. Urwo rwego rusaba rero inzego zitandukanye ziri mu gihugu abamenyeshamakuru n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi ico bofasha.

Ngo kub’abamenyeshamakuru basabwe cane cane kwisunga amategeko  y’igihugu nay’umwuga kugira ngo ntibahure n’amasanganya igihe bari mu kazi hagati yabo n’inzego z’igihugu canke hagati yabo n’abanyagihugu.

Urwo rwego rusaba kandi cane cane abarongoye ibigo vyo kumenyesha amakuru  yuko bokwandikisha kurusha abakozi babo kugira  ngo urwo rwego rutanguye gutanga ama karata abamenyesha makuru bose bayaronke.

Ngo ku nzego  z’igihugu urwo rwego rwasavye yuko boshinga amategeko ajanye n’ibwirizwa rirekurira ibigo vyo guhanahana amakuru no kuyamenyesha  kuronswa no kugabanirizwa amakori ajanye n’ibikoresho bakoresha

Ngo Leta nayo bayisavye ko ayo mategeko amaze guja mu ngiro yuko abakozi nabo nyene mu gihe bari ku rubuga bategerezwa kuronswa ibikwiye kugira ngo  umutekano wabo n’uwibikoresho vyabo  vyose vyubahirizwa. Ngo ivyo babisavye abari mu nzego zitandukanye kugira bamenye y’uko mu gihe umumenyesha makuru amaze kwiyandikisha akaronswa uburenganzira bwo gukora yuko ico cubahiro agifise nk’abandi bakozi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.