#OlympicStar : iri niryo banga uyu mugwi wakoresheje kugira ngo usezerere Messager Ngozi mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

Uburyohe bwo gusezukira igihugu niryo banga umugwi wa Olympic star wakoreshe kugira ngo usezerere Messager Ngozi mu gice c’umunani gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ku gitsindo kimwe rukumbi cinjijwe na Slim Saidi.

Wilson Kwizera,HM

Uburyohe bwo gusezukira igihugu niryo banga umugwi wa Olympic star wakoreshe kugira ngo usezerere Messager Ngozi mu gice c’umunani gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ku gitsindo kimwe rukumbi cinjijwe na Slim Saidi.

Murukino rwabereye mu ntara ya Gitega  ku kibuga ingoma, mu gice c’umunani gishira icanyuma hagati ya Olympic star yasezereye umugwi wa Messager Ngozi igitsindo kimwe ku busa cinjijwe na slim Saidi, uburyohe bwo gusubira guserukira igihugu niryo ryonyene banga Olympic star yakoreshe kugira ngo ikure muriyo higanwa umugwi wa Messager Ngozi.

« Nta banga na rimwe twari twibikiye, kiretse ko abakinyi banje bamaze kumenya uburyohe bw’ingendo (Guserukira igihugu) iryo niryo banga rikuru novuga ko twakoreshe, ivyo navyo bibatuma kwitanga cane kugira ngo barabe ko bazosubira guserukira igihugu no mu mwaka uza incha’allah (Imana ibishatse).» ivyo nivyashikirijwe n’umumenyereza wa kera wa Inter stars, NAHIMANA Hussein Welo amenyereza umugwi wa Olympic Star muri kino gihe uyobowe na Simeon BARAYANDEMA, usanzwe ari nawo ufise kino gikombe, aho Welo yongeye kumenyesha ko abakinyi biwe bafise inyota yo gusubira guserukira igihugu ubugira kandi.

Mwomenyako no  mu mwaka uheze Olympic star niyo yatsinze kandi 2-1 umugwi wa Messager Ngozi muri kino gikombe nyene.

 Izindi nkino uko zagenze uno musi no ku musi w’ejo muri kino gikombe zikaba zagenze uku gukurikira :

Ku ruyu wa gatatu itariki 02 Rusama 2018.

Athletico Olympic 1-2 Musongati, urukino rwabereye  i Muyinga.

Club Kiremba de Bururi 0-1 Muzinga, urukino rwabereye mu Rutana .

Burundi Sport Dynamic 5-1 Muramvya city, urukino rwabereye I Ngozi.

Messager Ngozi 0-1 Olympic star, urukino rwabereye I Gitega.

 Ku ruyu wa Kabiri itariki 01/Rusama/2018.

Aigle Noir 4-1 Inter stars, urukino rwabereye  i Muyinga.

Lydia Ludic 2-0 Flambeau de l’est urukino rwabereye i Gitega.

Santé de Ngozi 2-5 Delta star.

Vital’o fc 0-0 Rumonge city ( penalty 4-2) urukino rwabereye mu Rumonge.

Inkino zi gice ca kane gishira icanyuma nuko, umugwi wa Vital’o fc uzo hura na Llb, Olympic star na Aigle Noir, Musongati vs BS Dynamic hama Muzinga ihure na Delta star izo nkino zetegekanijwe ku magenekerezo ya 29 na 30 Rusama 2018.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.