Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Abakozi n’Akazi

Mw’ijambo yaraye ashikirije abarundi n’amakungu rijanye n’uwo musi, umukuru w’igihugu c’uburundi arashima igikorwa caranguwe n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi ya Leta OBR.

Kuri uyu wa 2 igekenekerezo rya 1 Rusama niho hahibambazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Ibiriro vyuyo musi ku rwego rw’igihugu bikaba  vyabereye  mu ntara ya Rutana.

Mu gisagara ca Bujumbura bikaba vyabereye ku kibuga c’ishure rya lycée scheppers ryo mu Nyakabiga.

Mw’ijambo yaraye ashikirije abarundi n’amakungu rijanye n’uwo musi, umukuru w’igihugu c’uburundi arashima igikorwa caranguwe n’ikigo gitoza amakori  n’amatagisi ya Leta OBR.

Ikindi yashikirije muri iryo jambo n’uko abantu bashika ku 1600 aribo bategekanijwe kuronswa akazi muri Leta muri uno mwaka wi 2018 mu bushikaranganji butandukanye nko mu bushikiranganji bw’indero, ubw’akazi, ubw’iterambere ry’ama komine, ubw’amagara y’abantu hamwe no gusubiriza abakukurutse, abitavye Imana n’abashimye gukinjura.

Petero NKURUNZIZA akaba yamenyesheje yuko ubushikiranganji bw’akazi bwasubije umutamana wa mugwi w’igihugu ujejwe gutanga akazi ka Leta maze ibibazo bigakoreshwa ku mugaragaro gutyo akazi kakaronswa abarushije abandi

Ngo ubushiranganji bw’akazi bwaratanguje amashure 120 y’umwuga wo kurima n’ukworora mu ma komine yose mu ntumbero yo kugabanya ubushomeri bubangamiye urwaruka rutashoboye kubandanya inyuma y’ishuri nshingiro eka mbere n’abandi bakeneye kunonosora uwo mwuga.

Petero Nkurunziza yarangije ashimira abakozi bitanga batiziganya mu kazi kabo bakarwiza umwimbu bagateza imbere igihugu. Ngo na cane cane  ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi ko cakoze neza cane mu mezi atatu ya mbere y’uno mwaka wi 2018 mu kwinjiza mu kigega ca leta  i miriyaridi  212 ku miriyalidi 190 zari zitezwe. Ngo hakaba harenzeko i miriyaridi  zishika 22  ni ukuga ko  ko harenzeko ibice 12 kw’ijana, ivyo bikaba ari imboneka rimwe mu gihugu kuva ico kigo OBR gishinzwe.

Mu  banyagihugu nabo bahimbaje uyo musi  bavuga ko ubuzima butoroshe mu gihe umushahara w’umukozi utisununuye kandi ko n’ibintu bitera bizimba. Bagasaba Leta yuko nimba uburyo bushobora kuboneka ikaduza agashahara ku bakozi  canke ikabanya amakori na matagisi ko umuntu aba adahembwa amahera menshi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.