#PrimusLigue: Ngozi city na Messager Ngozi muri Derby, Inter stars gukinira kudakoroka icicaro, LLB-S4A kugwanira ikibanza ca mbere.

Ngozi city ikinira kudakoroka icicaro igiye gutana mu mitwe na Messager Ngozi yo igwanira ikibanza ca mbere mugihe iyo migwi yose iva mu ntara imwe ya Ngozi (Derby), Inter Stars igwanira kudakoroka icicaro nayonyene igiye guhura na LLB-S4A yipfuza kwiyongera igikombe ca Primus ligue yatwaye mu mwaka uheze.

Ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus Ligue A mumpera zino ndwi iryo higanwa, rizokwinjira mu ndwi yaryo igira 28 ku musi wa gatandatu no kuwamungu ku bibuga bitandukanye, aho hategekanijwe inkino zikomeye cane nk’imigwi ya Ngozi city ikinira kudakoroka icicaro igiye gutana mu mitwe na Messager Ngozi yo igwanira ikibanza ca mbere mugihe iyo migwi yose iva mu ntara imwe ya Ngozi (Derby), Inter Stars igwanira kudakoroka icicaro nayonyene igiye guhura  na LLB-S4A yipfuza kwiyongera igikombe ca Primus ligue yatwaye mu mwaka uheze.

Itariki 05/Rusama/2018.

13h00 ku kibuga ca Don Bosco: Les lierres vs Athletico Olympic.

13h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Flambeau de l’est vs Les jeunes Athletics.

15h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Musongati vs Messager Bujumbura.

15h00 ku kibuga Ivyizigiro mu Rumonge : Vital’o fc vs Delta star.

15h00 ku kibuga Urukundo i Ngozi: Ngozi city vs Messager Ngozi.

15h00 ku kibuga ca Don Bosco Buterere: Inter stars vs Llb-S4A.

15h00 ku kibuga Umuco i Muyinga: Olympic star vs Bujumbura city.

Itariki 06/Rusama/2018 hategekanijwe urukino rumwe gusa.

 15h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Flambeau du centre vs Aigle noir Fc.

 Uko imigwi isumbana sumbana n’inkino bamaze gukina nako n’uku gukurikira:

   Equipe J G Pts
1 MESSAGER NGOZI 27 20 63
2 LLB S4A 26 19 62
3 AIGLE NOIR 27 15 55
4 VITAL’O 27 13 50
5 OLYMPIC STAR 24 14 47
6 BUJUMBURA CITY 27 12 41
7 MUSONGATI 26 9 36
8 FLAMBEAU DU CENTRE 26 10 35
9 FLAMBEAU 26 9 33
10 LES LIERRES 27 9 31
11 ATHLETICO 27 9 31
12 NGOZI CITY 27 6 27
13 INTER STARS 27 7 25
14 MESSAGER BJM 26 5 23
15 JEUNES ATHLETICS 27 3 17
16 DELTA STAR 27 1 9

Mugihe abakinyi bamaze kwinjiza vyinshi nabo naba:

SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir afise ibitsindo 25.

Slim Saidi wa Olympic star afise ibitsindo 21.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.