Imfashanyo Igizwe n’Ibifungurwa Bitandukanye Vyatanzwe Ku Banyagihugu Bahuye n’Imyuzure mu Buterere

Umuceri, ibiharage, amasabuni, amavuta, ubufu bw’ibigori, umunyu vyatanzwe n’umushikiranganyi w’umutekano

Imfashanyo igizwe n’ibifungurwa bitandukanye vyatanzwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganyi w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni ku banyagihugu bahuye n’imyuzure yo mu duce twa Kiyange hamwe na quartier  yitwa miroir yo mu Buterere .

Nkuko bimenyeshwa na Antoine NTEMAKO umuyobozi mukuru mu gisata kijejwe gukinga ibiza no gufasha abo vyashikiye ngo imiryango yababa 500 niyo yahawe iyo mfashanyo.

Ngo hatanzwe ibintu bitari bike. Umuceri, ibiharage, amasabuni, amavuta, ubufu bw’ibigori, umunyu. Ivyo bikazobafasha mu kumara  imisi bafise ico bikorako kuko bari bamerewe nabi.

Antoine NTEMAKO akamenyesha umuryango umwe umwe wese waronse ibiro 10 vy’umuceri, 10 vy’ibiharage, 10 vy’ubufu, ikiro 1 c’umunyu k’umuntu, iritiro 1 y’amavuta k’umuntu n’amasabuni 3 k’umuntu.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.