Amasoko 4 Mu Masoko 7 Yasubiwemwo Mu Gisagara Ca Bujumbura Azokugururwa kuwa 30 Rusama Uno Mwaka

Freddy MBONIMPA amenyesha ko amasoko ane agiye kwugururwa ubwa mbere imiryamgo yayo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa Rusama ni isoko rya Kinama, isoko ya Jabe, isoko yo ku Musaga hamwe n’isoko yo mu Ruziba.

Amasoko 4 mu masoko 7 yasubiwemwo  mu gisagara ca bujumbura azokugururwa kuwa 30 Rusama uno mwaka. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA.

Muri iryo tangazo amenyesha yuko ayo masoko ane agiye kwugururwa ubwa mbere imiryamgo yayo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa Rusama ni isoko rya Kinama, isoko ya Jabe, isoko yo ku Musaga hamwe n’isoko yo mu Ruziba.

Freddy MBONIMPA akaba avuga ko umudandaza azogera kw’igenekerezo rya 30 ataraheza kuriha amafaranga yo kwubaka utuzu twidandarizo ko ikibanza azoba yararonse kizoca gihabwa uwundi mudandaza .

Akaba yibutsa ko ibibanza baronse arivyo imfata kibanza.

Kuyandi masoko asigaye nayo  nk’isoko ya Kinindo, Ngagara hamwe na Kanyosha, umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba abadandaza bayo masoko ko bonyarutsa kuriha ningoga amafaranga yo kwubaka ubudandarizo kugira ngo bamenyeshwe itariki bazotangurirako.

Freddy MBONIMPA akamenyesha kandi ko ayo masoko ko yuguruwe, inyuma y’igenekerezo rya 30 rusama amasoko bahora bakoreramwo azoca yugarwa.

Tubibutse yuko ibikorwa vyo gusubiramwo ayo masoko 7 yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura yari yatanguye mu ntango zu mwaka 2016.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.