Ubushikiranganji Bw’umutekano Burabeshuza Inkuru Zimaze Imisi Zikwiragizwa Ko Hariho Abana Bariko Baranyuruzwa

Ngo abahinga ubabajije bakubwira yuko intumbero yabo ariyo gutera ubwoba abanyagihugu. Ibi bama bagira igihe cose amatora amatora aba yimirije.

copyright@africatime

Ubushikiranganji bw’umutekano burabeshuza inkuru zimaze imisi zikwiragizwa ko hariho abana bariko baranyuruzwa. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Pierre NKURIKIYE amenyesha yuko ari ibihuha bijanye n’amatora aho yanagabishije abo bose bariko babikwiragiza.

Pierre NKURIKIYE amenyesha yuko iciza nuko bobishira abajejwe gukora amatohoza kugira bace bakora amatohoza. Ngo umuntu ntagende ngo arungike abana kumuhana hirya hanyuma abone ntibagarutse ace agenda afate ijwi ashire mw;’iterefone ace agumura abantu hama bakabihana mu migwi yose.

Ngo ababitangura ubwa mbere bobo baba bafise intumbero zindi zabo. Pierre NKURIKIYE agahanura yuko uwuronse ibihuha nk’ivyo ko yoca akirungikira uwujejwe umutekano kugira ngo agitohozeko.

Ngo ushobora gusanga iryo jwi uronse ari iryukuri ushobora no gusanga ata kuri kurimwo.

Ngo abahinga ubabajije bakubwira yuko intumbero yabo ariyo gutera ubwoba abanyagihugu. Ibi bama bagira igihe cose amatora aba yimirije.

Nta na rimwe bigeze bashirako i nomero za telefone canke izina ryuyo muntu yacanditse ubwambere bisigura yuko rero arinze adashirako izina ryiwe ntashireko inomero ya telefone aba ashatse guhisha uwariwe.

Arya majwi nka yose aho bavuga ngo bababuze abo bana bagiye baboneka.

Pierre NKURIKIYE yashimiye abanyagihugu  bashikirije ivyo bihuha ubwambere igipolisi.

Ibisata bijejwe amatohoza bisaba umuntu wese bazosubira kubona ariko arakwiragiza inkuru be nizi azoca afatwa hama bace bamutohozako.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.