#Europe: Chelsea amahirwe ari kurushi kugira ngo izoronke uburenganzira bwo kuzokina UEFA Champions League mu mwaka uza.

Chelsea amahirwe ari kurushi kugira ngo izoronke uburenganzira mu mwaka uza wokuzokina UEFA Champions League bizoyisaba ko umugwi wa Liverpool utsindwa na Brighton & Hoven Albion murukino rwanyuma nayo izoba yakiriye i Anfield uyo mugwi, mugihe Chelsea isabwa gutsinda, izoba yagendeye Newcastle united kuri St James Park

Europe 1

Mugihe ihiganwa ryo mu gihugu c’ubwongereza Premier League risigaje indwi imwe gusa kugira ngo rirangire, bakina inkino 38 izo gutangura n’izogusubiriza. Umugwi wa Chelsea amahirwe ari kurushi kugira ngo izoronke uburenganzira mu mwaka uza wokuzokina UEFA Champions League bizoyisaba ko umugwi wa Liverpool utsindwa na Brighton & Hoven Albion murukino rwanyuma nayo izoba yakiriye i Anfield uyo mugwi, mugihe Chelsea isabwa gutsinda, izoba yagendeye Newcastle united kuri St James Park, Liverpool ifise amanota 72 n’ibitsindo 42 mugihe Chelsea yoyo ifise amanota 70 n’ibitsindo 27, izo nkino zanyuma zikaba zitegekanijwe kuruyu w’imana itariki 13 Rusama 2018 inkino zose zikazokinwa isaha icumi zuzuye neza 16h:00.

 16h:00 I Turf Moor,  Burnley ? – ? AFC Bournemouth

16h:00 I Selhurst Park,  Crystal Palace ? – ? West Bromwich Albion

16h:00 I John Smith’s Stadium,  Huddersfield Town ? – ? Arsenal

16h:00 I Anfield, Liverpool ? – ? Brighton & Hove Albion

16h:00 I Old Trafford, Manchester United ? – ? Watford

16h:00 I St James Park, Newcastle United ? – ? Chelsea

16h:00 I St Marry’s stadium, Southampton ? – ? Manchester City

16h:00 I Liberty of Stadium, Swansea City ? – ? Stoke City

16h:00 I Wembley,  Tottenham Hotspur ? – ? Leicester City

16h:00 I London Stadium, West Ham United ? – ? Everton

Umugwi nka Stoke city warumaze hafi imyaka 10 ukina muri Premier League kuva muri 2008 ugarukiye muriryo higanwa, Swansea city isanzwe ikinamwo Jordan Ayew umunya Ghana, yari imaze  hafi imyaka 7 kuva igarukiye muri Primier League hamwe na West Bromwich Albion niyo  migwi tutazosubira kubona  mu mwaka w’inkino wa 2018/2019  muriryo higanwa ryo mu bwongereza, English Premier League.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.