Jonathan NAHIMANA ngo igikorwa co kurusha SHAKA Bienvenue na URASENGA Cedrick Danny Kagabo ntabwo arigikorwa coroshe.

Jonathan NAHIMANA Fc niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ndamukiza muri Primus League arushije abo vyahiganirwa akogashimwe, SHAKA Bienvenue umusatirizi akomeye cane wa Aigle noir na URASENGA Cedrick Danny Kagabo wa Messager Ngozi, agashimwe yahawe kuruyu wa gatanu n’ikinyamakuru Burundisport ifadikanije n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi (BRARUDI)

Umunyegori wa Vital’o Fc Jonathan NAHIMANA Fc niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ndamukiza muri Primus League arushije abo vyahiganirwa akogashimwe,  SHAKA Bienvenue umusatirizi akomeye cane wa Aigle noir na URASENGA Cedrick Danny Kagabo wa Messager Ngozi, agashimwe yahawe kuruyu wa gatanu n’ikinyamakuru Burundisport ifadikanije n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi (BRARUDI) risanzwe kandi rifasha n’ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus League, hari munyubako ziryo shirahamwe nyene igihe c’isaha 16h zo ku mugoroba.

Jonathan NAHIMANA mumajambo yiwe yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru yamenyeshejeko guca imbere yabo bandi bakinyi ntivyari vyoroshe nagato akaba yagize ati « Igikorwa ntwabo cari coroshe nagato kuko urukino rwose nakina nagerageza gukina kugirango ntibatsinde igitsindo, ico naco nico gikorwa nyamukuru catumye uno musi ndonswa kano gashimwe.» Ivyo n’ibimwe muvyashikirijwe nuwo munyegori wakera wa Olympic star y’imuyinga  Jonathan NAHIMANA, kubijanye nuko yatwaye akagashimwe kubera ko afise uruhome rumukingira neza ngo ntasindwe igitsindo nakimwe aho Jonathan yamenyesheje ko bama basangira ibikorwa n’abandi bakinyi binyuma « Turafashanya ibikorwa n’abandi bakinyi kuko birashika Sam na Moussa ntibabe mu rukino ariko jewe nca mfata ivyo bibanza vyabo mugihe batarimwo kugira ntibatsinde igitsindo.»

NAHIMANA yamenyesheje kandi ko guhabwa kano gashimwe kazotuma ibikorwa vyiwe bishika kure hashoboka kuko kagiye gutuma amenyekana gusumba, agashimira abamutoye bose hamwe n’ikinyamakuru BurundiSport n’ishirahamwe rya Brarudi.

Hambavu yivyo Jonathan NAHIMANA yamenyesheje ko urukino rwamugoye cane ngo n’urukino rwahujije umugwi wiwe wa Vital’o Fc igihe watana mu mitwe na Olympic star aho yavuzeko yakuye imipira itari mike yatumbera mwizamu ryiwe.

Jonathan NAHIMANA kugira ngo atorwe nuko yamaze inkino zigera kw’icenda adatsindwi  igitsindo nakimwe akaba yatahukanye amajwi menshi gusumba abandi inyuma yo gutorwa n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi ku bice 50%, munyuma agatorwa n’abakunzi  b’inkino bashika 3656 batoye, Jonathan NAHIMANA bamutoye ku majwi 1260 babicishije mu butumwa bugufi (Sms) akaba yararushije SHAKA Bienvenue yatowe ku majwi 1199 hamwe na URASENGA Cedrick Danny Kagabo wa Messager Ngozi yafashe ikibanza ca 3 atowe ku majwi 1197. Agashimwe katahukanywe na Jonathan NAHIMANA kangana n’ibihumbi amajana biri n’amirongo itanu vya mafaranga ya marundi (250.000Fbu), Jonathan NAHIMANA ntabwo ari umbwambere ahawe agashimwe n’ikinyamakuru BurundiSport, abaye kandi umukinyi agira ga 3 wa Vital’o Fc ahawe aka gashimwe inyuma ya BULIMWENGU Jules 2017 na Gaël DUHAYINDAVYI 2017.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.