Afrika/ Adel Amrouche yahoze amenyereza igihugu c’uburundi yahawe ayandi mabanga bashasha.

Adel Amrouche yarakoranye n’umumenyereza wa hano iwacu Amars Akbar NIYONGABO yari icegera ciwe mu mugwi nserukira gihugu wa Kenya.

Igihe yaramaze amezi atari make ari mu bushomeri ata mugwi yarafise , Adel Amrouche umunya Algeria yahoze amenyereza umugwi nserukira gihugu w’uburundi yahawe amabanga mashasha yo kumenyereza umugwi nserukira gihugu wa Libye canke Les Chevaliers de la méditérannée mu kwitegurira inkino zo kurondera itike za CAN 2019.

Ku myaka 50 yamavuko Amrouche afise asubiriye murico kibanza Omar Al-Maryami we yafashe uno mwanya wo kumenyereza Libye bimaze kumwankira kuja kumenyereza igihugu ca Egypte.

Uyu mumenyereza wa kera w’umugwi nserukira gihugu wa Kenya Harambe stars Adel Amrouche yarakoranye n’umumenyereza wa hano iwacu Amars Akbar NIYONGABO yari icegera ciwe mu mugwi nserukira gihugu wa Kenya. Amrouche afise ubwene gihugu bu biri Algérie n’ububirigi akaba yaramenyereje umugwi wa USM Alger ikiringo gito cane 2016 yari yahawe ayo mabanga mu kwezi kwa Ruheshi asezererwa n’uwo mugwi muri Myandagaro.

Amrouche igikorwa ciwe ca mbere afise muri Les Chevaliers de la méditéranée canke Libye nuko ategerezwa gusubira kwubaka ningiga na ningoga  uyo mugwi w’igihugu ca Libye kugira ngo azoronke abakinyi yifashisha murizo nkino zo kurondera itike za CAN 2019, ni mugihe igihugu ca Libye ata burenganzira gifise bwo kwakirira inkino murico gihugu cabo bivanye n’umwuka mubi wa poritike ico igihugu kiriko gicamwo.

Mwomenyako igihugu ca Libye gifise akahise keza mu misi y’inyuma gato aho yatwaye igikombe ca CHAN 2014 irangiza mu kibanza ca 4 muri CHAN 2018.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.