#LigueB: Les Crocos Fc yo mu Rumonge na Espoir Fc yo mu Gatumba ntituzosubira kuzibona mu cicaro ca 2.

kunganya  1-1 n’umugwi wa Rumonge city basanzwe basangiye Intara ya Rumonge, ivyo ntivyari bihagije kuri Les Crocos FC canke Messager Rumonge, Mugihe mw’istinda rya mbere A umugwi wa Espoir Fc yo muri Zone Gatumba nayonyene wakorotse mu cicaro ca 3 inyuma yo gutsindwa na Muzinga FC ibitsindo 3-0,

Les Crocos

Inyuma yo kunganya  1-1 n’umugwi wa Rumonge city basanzwe basangiye Intara ya Rumonge, ivyo ntivyari bihagije kuri Les Crocos FC canke Messager Rumonge, kuko umugwi wa Busoni star wo mu Kirundo wari mukibanza canyuma yatsinze umugwi wa Unité FC 1-0 bica bituma ikwiza amanota 15 mugihe Les Crocos FC yo kunganya na Rumonge city yaciye ikwiza amanota 14 ica irafata ikibanza ca nyuma mw’itsinda rya kabiri B.

Mugihe mw’istinda rya mbere A umugwi wa Espoir Fc yo muri Zone Gatumba nayonyene wakorotse mu cicaro ca 3 inyuma yo gutsindwa na Muzinga FC ibitsindo 3-0, bica bituma ifata ikibanza ca nyuma muriryo tsinda.

Transport Fc yo muri Bujumbura rural yo mwitsinda rya mbere A na Les Eléphants y’ibubanza yo mw’itsinda rya kabiri B niyo migwi izokina inkino za majonjora (Barrage) kugira ngo haboneke umugwi umwe uzoherekeza Rukinzo Fc na Kayanza united mu cicaro ca mbere Primus League Burundi.

Imigwi yatsindanye uku gukurikira mundwi ya 14 n’iyanyuma muri Ligue B.

Itsinda rya A:

Transport Fc 5-0 Volontaires Fc
Muzinga Fc 3-0 Espoir Fc
Bumamuru 1-0 Burundi sport Dynamic
Rusizi Fc 2-1 Rukinzo Fc

Itsinda rya B:

Unité 0-1 Busoni star
Moso Sugar 0-1 Magara Fc
Kayanza 0-1 Les Éléphants Fc
Rumonge City 1-1 Crocos Fc

Uko irushanya mw’istinda rya A.

1.Rukinzo Fc amanota 28

2.Transport Fc amanota 26

3.Bumamuru Standard Fc amanota 24

4.Muzinga Fc amanota 23

5.Bs Dynamik amanota 20

6.Volontaire Fc amanota 15

7.Rusizi Fc amanota 12

8.Espoir Fc amanota 8

Uko irushanya amanota mw’itsinda rya B.

1.Kayanza united amanota 26

2.Les Eléphants amanota 22

3.Rumonge city amanota 21

4.Moso sugar amanota 18

5.Magara star amanota 17

6.Unité fc amanota 16

7.Busoni star amanota 15

8.Les Crocos Fc amanota 14

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.