Primus Ligue Burundi: LLB-S4Africa ifise amahirwe menshi yo gutahukana igikombe gusumvya Messager Ngozi.

LLB murizo nkino zibiri isabwa kandi gutsinda urukino rumwe gusa ariko rwa Messager Ngozi  nubwo yotakaza urwa Delta star bazoca bahabwa igikombe.


                                      Lydia Ludic Sport 4Africa kuri Don Bosco mu Buterere

Mugihe kuruyu wa kabiri, LLB yatsinze  umugwi wa Olympic star ibitsindo 4-1  murukino rw’ikirarane rwabereye ku kibuga urunani kiri muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoki, ibitsindo  vyinjijwe na Olivier bibiri (2) NDIZEYE Thomson na Pascal NDIKUMANA nabonyene binjije kimwe kimwe hama igitsindo co kwiyoza amarira ca Olympic star cinjizwa na Slim Saidi.

Gutsinda kwa Lydia Ludic sport 4Africa biciye bituma ifata ikibanza ca mbere cari gifiswe na Messager Ngozi aho yarimaze imisi itari mike murico kibanza, LLB iciye ikwiza amanota 66 n’ibitsindo 30 mugihe Messager Ngozi yaciye ija mu kibanza ca 2 n’amanota 66 n’ibitsindo 27.

LLB-S4A iciye ironka amahirwe menshi yo kuzotahukana kino gikombe ca Primus Ligue gusuvya umugwi wa Messager Ngozi bariko bahiganirwa kino gikombe mugihe hasigaye inkino zibiri zibiri  ku migwi yose kugira ngo ihiganwa risozererwe.

Aya namwe mu mahirwe umugwi wa Lydia Ludic Sport 4Africa bafise kugira ngo bashobore kwikurikiranya igikombe ca Primus Ligue.

-LLB isigaje guhura na Messager Ngozi mundwi 29 hamwe na Delta star mundwi ya 30 ariyo yanyuma murizo nkino Llb igasabwa kuronka amanota 4 gusa kugira ngo ihambwe igikombe, isabwa kunganya na Messager Ngozi hamwe no gutsinda Delta star bizoba bihagije kuribo ngo batahukane igikombe.

-LLB murizo nkino zibiri isabwa kandi gutsinda urukino rumwe gusa ariko rwa Messager Ngozi  nubwo yotakaza urwa Delta star bazoca bahabwa igikombe.

-Messager Ngozi nayo isigaje kuzohura na LLB mu ndwi ya 29 hama Olympic star mundwi ya 30 ariyo yanyuma, nayonyene ishaka amanota 4 kugira ngo ironke igikombe ca Primus Ligue kugira ngo ivyo bibe isabwa kuzotsinda  LLB hama inganye na Olympic star.

-Messager Ngozi izosabwa kuzotsinda LLB ibitsindo 2 canke birenga ariko bibe ku busa nubwo yotakaza urwa Olympic Star izoca ihabwa igikombe ca Primus Ligue kuko izoba irushije LLB ibitsindo yatsindiye muhira mugihe urukino rwambere LLB yakiriye Messager Ngozi bavanye 3 kuri 1 ca Messager Ngozi.

Menyaneza ko Itegeko ry’ihiganwa rya Primus Ligue rivuga ko iyo imigwi inganya amanota ntibaraba ibitsindo baraba uko iyo migwi yahuye mu rukino rwa mbere n’urwo gusubiriza.

Twokwibutsa ko mu rukino rwa mbere LLB yatsindiye 3-1 Messager Ngoz I Bujumbura ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Only registered users can comment.