U Ruganda Rwo Gutohoza Abakoresha Ururimi Rw’Igiswahili Mu Burundi.

Kubwa Doroteya NSHIMIRIMANA ngo gukoresha igiswahili bizofasha u Burundi kwinjira neza mu muryango wa africa y’ubuseruko.

Ururimi rwi’igiswahili ngo rurafise akamaro kanini ku barundi mu gihe uburundi busanzwe buri mu muryango wa africa y’ubuseruko. Ivyo vyavuzwe n’umwigisha w’igiswahili wo mu kaminuza atandukanye yo ngaha mu Burundi kuri uyu wa gatanu mu ruganda rwo gutohoza abakoresha ururimi rw’igiswahili mu Burundi.

Doroteya NSHIMIRIMANA arongoye umugwi ujejwe gutohoza abakoresha ururimi rw’igiswahili mu burundi avuga kandi ko urwo rurimi ari ururimi nk’izindi ndimi. Ngo rwari rukwiye kugira agaciro.

Kubwa Doroteya NSHIMIRIMANA ngo icatumye batunganya iyo nama ni ukugira ngo barabe ingene igiswahili gikoreshwa mu Burundi, bande bagikoresha na hehe gikoreshwa.

Kubwa Doroteya NSHIMIRIMANA ngo gukoresha igiswahili bizofasha u Burundi kwinjira neza mu muryango wa africa y’ubuseruko.

Ngo umuntu ntashobora kuja muri Kenya atwaye i kirundi n’igifaransa kuko si abanyakenya bose bakoresha i congereza muri ico gihe rero igiswahili gifise akamaro gahambaye kuko gica gifasha umunyakenya kwumvikana n’umurundi iyo bavuga igiswahili bose.

Doroteya NSHIMIRIMANA ameyesha ko ico gikorwa kiriko kirabera no mu bindi bihugu vyo mu karere ka africa y’ubuseruko.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.