BURUNDI U-20: Réverien NDIKURIYO yatanze insiguro impamvu intamba mu rugamba U-20 batakiriwe uko vyari bitegekanijwe muri Sudan.

kubona Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi umara amasaha hafi 7 ku kibuga c'indege i Karthoum ko atari ikosa rya Sudani canke rya FFB.

Intamba mu rugamba abatarenza imyaka 20 i Khartoum
Imyuma yaho hagaragariye amafoto yerekana umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 baryamye hasi ku kibuga c’indege i Kharthoum mu gihugu ca Sudan aho baribashitse mu masaha y’ijoro nka 02h hari kuruyu wa gatatu ivyo vyarateye agahinda abasanze bakunda uyo mugwi bivanye nuko gufatwa nabi ku ntamba aho bamaze amasaha 7 bari kukibuga c’indege baza gutorwa mu gatondo. Abatari bake batanguye guta umwikomo kugihugu ca Sudan co categerezwa kubakira neza nkuko nabo babikoze i Bujumbura abandi bavyagiriza Ishirahamwe ry’umupira wa maguru FFB kutamenya gutegurira neza intamba mu rugamba iyo zishikira ariko uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, Réverien NDIKURIYO yahavuye atanga umuco kurivyo abicishije kuri Compte y’iwe ya Facebook aho yamenyesheje ko ikosa atari rya FFB canke ry’igihugu ca Sudan.

BURUNDI U-20: Joslin BIPFUBUSA yahaye ubutumwa bwokwizeza itsinzi abarundi imbere yo gutana mu mitwe n’igihugu ca Sudan.

Réverien NDIKURIYO kuri Facebook yiwe yanditse ati:

Twagomba kumenyesha Abarundi n’abakurikiranira hafi ivy’umupira w’amaguru mukarere no muri afrika ko kubona Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umara amasaha hafi 7 ku kibuga c’indege i Karthoum ko atari ikosa rya Sudani canke rya FFB.
Fédération yatanze plan de vol yerekanako Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uzoshika Karthoum kuja 18 Rusama mugitondo.
Ishirahamwe ryakoze amatike ryarahinduye plan de vol mugabo ntiryabimenyesha ishirahalwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kugira naryo ribimenyeshe ishirahamwe rya muri Sudani.
Uwanditse amakuru yategerezwa gutangura kubaza FFB akamenya kuko vyagenze imbere up kwandika iyo nkuru.
Ishirahamwe ry ‘ umupira w’amaguru mu Burundi riboneyeho akanya ko gusaba imbabazi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Sudani kurivyo vyashitse.
Eka nabahinduye plan de vol ntibabilenyeshe bamaze gusaba imbabazi.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryararungitse abariserukira muri urwo rugendo, Hon Claude (Président du Comité d’encadrement des Equipes Nationales) hamwe na Marc membre du Comité Exécutif (FFB), abo nibo barekuriwe kuvugana na Fédération y’Uburundi ikintu icarico cose.
Uwatangaje ayo makuru ntiyarabifitiye uruhusha kuko uko vyanditswe umengo Sudani niyo iri mumakosa.
HON. NDIKURIYO REVERIEN
PRÉSIDENT FFB

Ivyo akaba yabishikire inyuma yo kwibonekeza kuri bamwe bagiza igihugu ca Sudan ko cakiriye ukutariko Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bazokina kuruyu w’imana n’igihugu ca Sudan aho murukino rwa mbere bari banganije 1-1 i Burundi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.