Burundi-Football: NSENGIYUMVA Global Development Cup iragarutse n’inguvu zidasanzwe.

ikiringo kitari gito Foundation NSENGIYUMVA Global Development canke NGD mu mupfunyafunyo kidategura inkino kurwaruka ruri mu karuhuko uyu mwaka iryo shirahamwe ribicishije mugisata caryo kizwi nka NGD star Sports gisanzwe gitegura inkino, rigiye kugarukana inkomezi zidasanzwe

 

Inyuma yo kumara  ikiringo kitari gito Foundation NSENGIYUMVA Global Development canke NGD mu mupfunyafunyo kidategura inkino kurwaruka ruri mu karuhuko uyu mwaka iryo shirahamwe ribicishije mugisata caryo kizwi nka NGD star Sports gisanzwe gitegura inkino, rigiye kugarukana inkomezi zidasanzwe mu gufasha urwaruka ruri mu karuhuko kugira ngo ruzokine inkino z’umupira wa maguru zizotuma banywana.

NGD Cup akahise kayo nuko kera igitangura yari yugururiye imiryango gusa imigwi isanzwe iri muri Komine Bugarama intara ya Rumonge ariko akabirya kari muruyu mwaka nuko igarutse iri mu migwi isanzwe iri mw’ishure rya Star Football Academy nukuvugako imigwi isanze iri muriyo Academy niyo izokwitabira iryo higanwa yonyene hama umugwi uzoba uwambere uzoca uhabwa igikombe nayo ikaba ari imigwi ya bakiri bato aba (Cadets) za batarenza imyaka 17 bahurikiye mu migwi itandukanye isanzwe iri mu ntara ya Rumonge yegukira Star Football Academy ni mugihe imigwi Academy ya Kanyosha Star na Nyanza –Lac star Fc ntiyatumiwe uyu mwaka.

Star Football Academy rero niyo yahawe amahirwe yo kwakira iryohiganwa rizobera muri zone Magara komine Bugarama intara ya Rumonge ni mu burengero bushira ubuseruko bw’igihugu c’Uburundi rizoba  mu buruhuko bwo muci riza imigwi 6 isanzwe iri muriyo Academy niyo izokwitabira iryo higanwa rizoba rigizwe n’itsinda rimwe gusa nayo iyo migwi ikaba ari:

Gitaza Star, Rutunga Star, Magara Star, Rutumo Star, Minago Star na Kagongo Star buri mugwi ukazokina inkino 5 n’ukuvuga ko hazokinwa inkino 25.

Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizotwara iryo shirahamwe rya NGD imiriyoni zishika kuri zi tatu (3millions),  Iryo shirahamwe rikazorera abana bari hagati yamajana abiri (200). Iryo higanwa rikazofasha abamenyereza gutegura abakinyi bazokina Championnat National ya U-15 na U-17.

Abarongoye imigwi basabwa gutangura gutegura imigwi yabo kuko bitegekanijwe ko NGD Cup izotangura mu kwezi kwa Mukakaro 2018. Umugwi uzoba uwambere nawo uzoca utwarwa gukina igice ca kabiri gishira icanyuma n’uwundi mugwi mwo muyindi Association ya Cadets kuko Star Football Academy isanzwe yemewe n’amategeko na Association yo mu ntara ya Bujumbura rural.

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.