BURUNDI-Footféminin: PVP Buyenzi yabandanije inyagira iyindi migwi, Fofila PF nayo ntishaka kurekura.

PVP Buyenzi rero ikaba ikwijije inkino 9 zose itaratsindwa muruyu mwanka w’inkino ni mugihe Fofila PF yo mu ntara ya Ngozi nayo nyene idashaka kurekura kurico kibanza ca mbere

 

Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’uburundi kuruhande rw’abigeme ryari rigeze mundwi yaryo y’icenda mu mpera zino ndwi aho biboneka ko umugwi wa PVP Buyenzi ubandanya werekana ko uno mwaka ushaka igikombe inyuma yo kunyagira ibitsindo vyinshi cane Christ Roi bayisanze iwabo i Gitega 9 vyose ku 0, PVP Buyenzi rero ikaba ikwijije inkino 9 zose itaratsindwa muruyu mwanka w’inkino ni mugihe Fofila PF yo mu ntara ya Ngozi nayo nyene idashaka kurekura kurico kibanza ca mbere nayo nyene ikaba inganya amanota na PVP Buyenzi 25 ariko ubudasa bukaba ari bw’ibitsindo gusa.

Uku rero niko imigwi yatsindanye:

1.Lionne Star 3-0 Onze Étoile
2. Ubuntu FC 1-7 La Colombe FC
3. Fofila PF 4-1 Rain Bow
4. Christ Roi 0-9 PVP Buyenzi

Uko imigwi irushanya bikaba ari uku gukurikira:

1. PVP Buyenzi: 25pts + 70 buts
2. Fofila PF : 25pts + 47 buts
3. La Colombe FC : 16pts + 24buts
4. Rain Bow : 13pts – 19buts
5. Lionne Star : 11pts – 12buts
6. Ubuntu FC : 9pts – 30buts
7. Christ Roi: 3pts – 37buts
8. Onze Étoile: 1pt – 44 buts

Mwomenyako urukino ruzodadanura PVP Buyenzi na Fofila PF y’ingozi rutegekanijwe kuruyu w’imana itariki 27 Rusama 2018 hazoba ari mundwi y’icumi ry’ihiganwa ku kibuga c’abasirikare kuri Camp DCA kiri mu Kigobe hazoba ari kugihe c’isaha 11h00 zo mugitondo.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.