Ikibazo Ca Leta Co Mu Mwaka wi 9 Kizokorwa Kuva Igenekerezo Rya 5 Kugera Igenekerezo Rya 7 Ruheshi 2018

Kubwa Léopold HAVYARIMANA, abanyeshure bazokora ico kibazo ngo bangana 99 025

Ikibazo ca leta co mu mwaka wi 9 ngo kizokorwa kuva igenekerezo rya 5 kugera igenekerezo rya 7 Ruheshi uno mwaka. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Léopold HAVYARIMANA,  umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero.

Kubwa Léopold HAVYARIMANA, abanyeshure bazokora ico kibazo ngo bangana 99 025. Ibibazo bazokora ngo n’ibibazo bizoba bijanye na ibiharuro, igifaransa, ikirundi, icongereza, igiswahili n’ibindi bibazo bijanye n’inyigisho zishingiye ku buhinga.

Léopold HAVYARIMANA  amenyasha kandi ko ico kibazo kizokorerwa ahantu hatari hake hashika 1015.

Léopold HAVYARIMANA agasaba rero abantu bariko barategura ico kibazo ko bogitegurana umutima, bagakurikiza neza inyigisho zatanzwe bakanakurikiza amategeko yaho bagiye gukorera ngo kuko uwutazoyakurikiza arazi ibizoba bimurindiriye, ubutungane burashobora kumukorerako

Kuba nyeshuri nabo, Léopold HAVYARIMANA  abasaba kugumiza umutima mu nda no kubandanya bitegura bakurikije ivyo babigishije.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.