Burundi Primus Ligue : FFB yashize ahabona urutonde rwimfata kibanza rw’abakinyi n’abamenyereza bazohambwa ubushimwe mu mpera zihiganwa.

nkuko ryama ribikora mu gutanga ubushimwe butandukanye mu mpera zihiganwa rya Primus Ligue Burundi uno mwaka iryo shirahamwe rikaba rije ritavyorosha  aho ryongereje abazohabwa ubushimwe nka bamenyereza bavyigenjeje neza gusumba abandi umukinyi akiri muto yaranze rino higanwa hamwe n’abakinyi babarundi basanzwe bakina hanze y’igihugu cacu eka mbere n’urutonde rw’abakinyi 11 baranze rino higanwa.

Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB nkuko ryama ribikora mu gutanga ubushimwe butandukanye mu mpera zihiganwa rya Primus Ligue Burundi uno mwaka iryo shirahamwe rikaba rije ritavyorosha  aho ryongereje abazohabwa ubushimwe nk’abamenyereza bavyigenjeje neza gusumba abandi umukinyi akiri muto yaranze rino higanwa hamwe n’abakinyi babarundi basanzwe bakina hanze y’igihugu cacu eka mbere n’urutonde rw’abakinyi 11 baranze rino higanwa. Izo ni zimwe mu mpinduka zidasanzwe muri Primus Ligue tutari tumenyereye kuva rino shirihamwe ry’umupira wa maguru mu burundi ritangura.

Abakinyi  bari mu mice itandukanye nibo batowe n’igisata kijejwe ubuhinga mw’ishirahamwe FFB kugira ngo bazotorwe n’abamenyesha makuru b’inkino mu burundi hamwe n’abamenyereza gusa. Iyo mice y’abakinyi batowe n’amazina yabo nayo naya akurikira:

Umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi.

Jean Jacques Eydélie (Messager Ngozi)

Emmanuel BANKUWIHA « Mayele » (LLBS4A)

Joslin BIPFUBUSA (Aigle Noir)

Umukinyi yaranze umwaka akiri muto.

HAKIZIMANA Hamimu (Inter star)

NDAYISHIMIYE Jospin (Delta star)

KANAKIMANA Bienvenue (Aigle noir)

Umukinyi yaranze umwaka wa Primus Ligue.

SHAKA Bienvenue (Aigle Noir)

URASENGA Cédrick Danny Kagabo (Messager Ngozi)

Slim Saidi (Olympic star)

NAHIMANA Jonathan (Vital’o fc)

KWIZERA Eric (Les Lierres)

Iddy MUSEREMU (Messager Ngozi)

Fabien MUTOMBOLA (LLBS4A)

Ramadhan Pascal (Olympic star)

NDIZEYE Seif Thomson (LLBS4A)

MURYANGO Mabano (Aigle Noir)

Umukinyi yaranze umwaka akina hanze y’igihugu.

NDARUSANZE Jean Claude (As Kigali)

Pierre KWIZERA (Rayon Sport)

Hussein Shaban (Rayon Sport)

NSABIYUMVA Féderick (Chippa united)

Abakinyi 11 baranze Primus Ligue.

Abanyegori: Jonathan NAHIMANA (Vital’o fc), RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi), Fabien MUTOMBOLA (LLBS4A)

Abakinyi binyuma kumpande: NDAYE Chancel (LLBS4A)

Rashid Léon (LLBS4A), BIGIRIMANA Ramadhan (Aigle Noir), KASHINDI Joseph (Vital’o fc) , Amini Abdoul (Messager Ngozi)

Abakinyi binyuma bakina hagati: NDORIYOBIJA Eric (LLBS4A), Samuel NDAYIZEYE (Vital’o fc), Selemani Moustapha (Aigle Noir), Muryango Moussa (Vital’o fc), MWENEBANTU John (Olympic star).

Abakinyi bakina hagati: Urasenga Cédrick Danny Kagabo, KWIZERA Eric, MURYANGO Mabano (Aigle Noir), IDDY Saidi “Ballack” (LLBS4A), NIYONKURU Pascal (LLBS4A), MBIRIZI Christian (Vital’o fc), Rahim NSENGIYUMVA (Messager Ngozi), HARERIMANA Moussa Hafidh (LLBS4A), Eric MBIRIZI (Buja city)

Abasatirizi: Slim Saidi (Olympic star), SHAKA Bienvenue (Aigle Noir), Iddy MUSEREMU (Messager Ngozi), Ramadhan Pascal (Olympic star), Juma Mohammed (Musongati), Jules Ulimwengu (LLBS4A), Seifu Thomson (LLBS4A)

Mwomenyako Abobakinyi bamaze gutorwa umwumwe bivanye n’umuce barimwo bakaba batowe n’abanditsi n’abamenyesha makuru hari kuruyu wakabiri mu nyubako za FFB bikaba bitegekanijweko n’abamenyereza nabo bazobatora ukwabo ibizova murayo matora mukazobimenyeshwa, ariko uno mwaka abakunzi b’inkino ntibazotora.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.