Primus Ligue : Messager Ngozi yoba irihafi yo gutahukana igikombe ku ncuro yabo yambere?

Icizere LLB isigaje kugira ngo isubire gutahukana igikombe c’uno mwaka nuko isabwa gutsinda Delta Star hama Messager Ngozi itsindwe na Olympic star.

                                                 Messager Ngozi ku kibuga Urukundo

Inyuma yo gutsinda ibitsindo 2-1 umugwi wa LLB kuruyu wa kane ku kibuga Urukundo, Messager Ngozi irihafi yo gutahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi cabo ca mbere mu mateka yuwo mugwi, isabwa kuronka inota rimwe gusa mu rukino rwanyuma isigaje gutana mu mitwe na Olympic star  urukino ruzobera i Muyinga mw’indwi ya nyuma ya 30 ya Primus Ligue.

Iddy MUSEREMU na Olivier BAYIZERE nibo binjirije Messager Ngozi mugihe LLB aribo batanguye kw’injiza igitsindo ca Thomson Seif NDAYIZEYE. Messager Ngozi iciye ikwiza amanota 69 n’ibitsindo 28 mugihe LLB ifise amanota 66 n’ibitsindo 29.

Icizere LLB isigaje kugira ngo isubire gutahukana igikombe c’uno mwaka nuko isabwa gutsinda Delta Star hama Messager Ngozi itsindwe na Olympic star.

Kuruhande rwa Messager Ngozi umumenyereza Jean Jacques Eydélie yari yashimye gutanguza mu kibuga abakinyi bakurikira:

RUKUNDO Onésime, AMINI Abdoul, NYANZIRA Hamza, VYIZIGIRO Lewis, MVUYEKURE Radjabu, IRAMBONA Tonny, KARIKERA Ibrahim, URASENGA Cédrick Danny Kagabo, MUSEREMU Iddy, MPISEMWO Ladislas, NIZIGIYIMANA Ismail.

Mugihe kuruhande rwa LLBS4A umumenyereza BANKUWIHA Emmanuel batazira « Mayele » yari yatanguje mu kibuga :

MUTOMBO Fabien, NIYONKURU Pascal, HARERIMANA Rashid Léon, NDAYE Chancel, NDORIYOBIJA Eric, HAKIZIMANA Issa, HARERIMANA Moussa Hafidh, Iddy Saidi Djuma, Moussa Mossi Hadji, NDIZEYE Thomson Seif, BOUE Bi Marc Olivier

Kubindi bibuga naho bikaba vyagenze uku gukurikira.

Itariki 24 Rusama 2018.

Messager Bujumbura 1-0 Flambeau du centre.

Bujumbura city 0-1 Vital’o Fc.

Musongati 1-2 Aigle Noir.

Les Lierres 8-2 Les Jeunes Athletics.

Itariki 23 Rusama 2018.

Athletico Olympic 1-1 Flambeau de l’est.

Ngozi city 1-0 Inter star.

Mwomenyako imigwi ya Inter Stars, Les Jeunes Athletics na Delta star imaze gukoroka icicaro ca 2 nubwo ihiganwa risigaje urukino rumwe rumwe ku mpande zose ngo rirangire inkino za nyuma zikazokinwa kumagenekerezo ya 26 na 27 Rusama 2018.

Itariki 26 Rusama 2018.

15h00 Ivyizigiro : Messager Bujumbura vs Les Lierres

15h00 Ingoma : Delta star vs LLB S 4 Africa

13h00 Don Bosco: Bujumbura city vs Ngozi city.

15h00 Don Bosco: Les jeunes Athletics vs Flambeau du centre

15h00 Umuco : Olympic star vs Messager Ngozi

15h00 Urunani : Inter star vs Vital’o fc

Itariki 28 Rusama 2018.

15h00 Don Bosco : Athletico Olympic vs Musongati fc

15h00 Ingoma: Flambeau de l’est vs Aigle noir

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.