Messager Ngozi itahukanye igikombe ca Primus Ligue 2017/2018 irushije LLBS4A inota rimwe gusa.

Messager Ngozi itwaye igikombe cabo ca mbere ca Primus Ligue ivyo navyo bikaba biyifashe imyaka 7 kuva ugitangura gukina icicaro ca mbere mu 2012.

 

      Abakinyi co kimwe na bakunzi ba Messager Ngozi baterura Umumenyereza Jean Jacques Eydélie

Inyuma yo kunganya i Muyinga ku kibuga Umuco 2-2 n’umugwi wa Olympic star biciye bituma, Messager Ngozi itahukana igikombe ca Primus Ligue isumbije LLB inota rimwe gusa, ikaba irangije ifise amanota 70 n’ibitsindo 28, LLB ikaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 69 n’ibitsindo 36.

Messager Ngozi itwaye igikombe cabo ca mbere ca Primus Ligue ivyo navyo bikaba biyifashe imyaka 7 kuva ugitangura gukina icicaro ca mbere mu 2012. Ici n’igikombe kigira kabiri umugwi wa Messager Ngozi utahukanye  mu mateka yawo. Ufise  igikombe kimwe citiriwe umukuru w’igihugu co muri 2016 ikindi ca Primus Ligue c’uyu mwaka.

Messager Ngozi itwaye igikombe ca 2018 isubiriye LLBS4A yari yagitwaye  muri 2017. Ikaba itwaye igikombe cuno mwaka mu nkino 3O yakinye yatsinze inkino 22, unganya 4 utsindwa 4.

Abamenyereza batandukanye nka Joslin BIPFUBUSA, Mo mamo monciro  umunya Serbia baragerageje biranka kuronswa uyo mugwi igikombe ca Primus Ligue bari banyote ariko Jean Jacques Eydélie umumenyereza wabo w’umufaransa akaba abashikanye kw’ihangiro mu kubaronsa  ico gikombe ca Primus Ligue Burundi uno mwaka. Mwomenyako uyu mu menyereza afise impamya bushobozi yokumugabane wa buraya ndetse yaranatwaye igikombe ca UEFA Champions League nk’umukinyi wa Olympic de Marseille 1993.

Messager Ngozi ije kwiyongera kuyindi migwi ifise kino gikombe ca Primus Ligue nka Vital’o Fc ifise ibikombe 20, Inter Fc ibikombe 9, Maniema Fantastique ibikombe 6, As Inter Star ibikombe , Athletico Olympic ibikombe, Prince Louis Fc ibikombe 2, Stella Matutina Fc 2, LLBS4A ibikombe 2, Muzinga Fc igikombe 1, Flambeau de l’est igikombe 1, Maniema Fc igikombe 1, Bs Dynamik New Look igikombe 1, Espoir Fc igikombe 1 co kimwe na Messager Ngozi ironse cuno mwaka.

Ikinyamakuru Magaratimes kikaba gikeje umugwi wa Messager Ngozi n’indogozi zawo kukuntu bitanze kugira ngo uno mwaka baronke igikombe ca Primus Ligue kikabipfuriza kandi no kuzovyifatamwo neza mu mwaka uza aho uzoba uriko userukira igihugu cacu mu nkino za Champions League zo kumugabane wa Afrika.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.