Primus Ligue 2017-2018 irarangiye hatsinzwe ibitsindo 25 mundwi yaryo yanyuma.

ibitsindo 25 nivyo vyinjijwe murino ndwi ya nyuma murivyo bitsindo 7 bikaba vyinjijwe na LLBS4A, Les Lierres nayo ikaza mu kibanza ca kabiri mu migwi yagize uruhara murino ndwi yanyuma kugira ngo haboneke ivyo bitsindo 25 ikaba yarinjije ibitsindo 3.

Kuruyu w’imana itariki 27 Rusama 2018 niho hasozerewe ihiganwa rya Primus Ligue ry’umwaka 2017-2018 mu ndwi yaryo ya nyuma igira 30, ibitsindo 25 nivyo vyinjijwe murino ndwi ya nyuma murivyo bitsindo 7 bikaba vyinjijwe na LLBS4A, Les Lierres nayo ikaza mu kibanza ca kabiri mu migwi yagize uruhara murino ndwi yanyuma kugira ngo haboneke ivyo bitsindo 25 ikaba yarinjije ibitsindo 3.

Muri rusangi uku niko imigwi yatsindanye murino ndwi yanyuma isozera Primus Ligue Burundi

Messager Ngozi itahukanye igikombe ca Primus Ligue 2017/2018 irushije LLBS4A inota rimwe gusa.

Kuruyu w’imana 27 Rusama 2018.

Athletico Olympic 1-2 Musongati Fc

Flambeau de l’est 2-1 Aigle Noir.

Kuruyu wa gatandatu 26 Rusama 2018.

Les Jeunes Athéletics 1-2 Flambeau du Centre
Bujumbura city 1-0 Ngozi City
Olympic star 2-2 Messager Ngozi
Delta star 0-7 LLB S4A
Inter star 0-1 Vital’o Fc
Messager Bujumbura 0-3 Les Lierres

Tubibutse ko ihiganwa ryarangiye Messager Ngozi itahukanye igikombe ku manota 70 isumbije LLBS4A inota rimwe gusa, mugihe imigwi ya Inter star, Les Jeunes Athletics na Delta Star yakorokeye mu cicaro ca kabiri.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.