Intamba mû rugamba U-20 mû rutonde rw’abakinyi 25 bahamagawe dusangamwo izina ry’umukinyi akina mû bwongereza.

BRANDON Chebby asanzwe akinira umugwi wa EASTLIEGH FC canke Spitfires ukina muri Division 5 mu gihugu c'ubwongereza

Urwo rutonde rw’abo bakinyi 25 bahamagawe vy’imfata kibanza ngo baze bitegurire igihugu ca Zambie U-20 mugice ca 3 co kurondera itike ya CAN -U20 izobera mû gihugu ca Niger muri 2019 urukino uburundi buzotangurira hanze y’igihugu cacu, urukino rutegekanijwe hagati ya kuno kwezi nyene turimwo.

Iryo zina rishasha dusanga muri runo rutonde rwasohowe na Joslin BIPFUBUSA afadikanije n’igisata kijejwe ubuhinga muruyo murwi ni BRANDON Chebby asanzwe akinira umugwi wa EASTLIEGH FC canke Spitfires ukina muri Division 5 mu gihugu c’ubwongereza. Uwundi mukinyi yiyongeyemwo muri runo rutonde aje ava hanze y’igihugu cacu n’umukinyi wo hagati wa Asas Djibouti Télécom yo mugihugu ca Djibouti, NTIRWAZA Sudi yahoze akinira Musongati FC yi Gitega.

Urwo rutonde rwabo bakinyi nabo naba bakurikira:

1.RUKUNDO Onesime(MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Ally Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Hailé Shalome (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa( AIGLE NOIR SC)
5.MURYANGO Moussa (VITAL’O FC)
6.NDORIYOBIJA Eric (LLB S4a)
7.HAKIZIMANA Héritier (AIGLE NOIR SC)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI FC)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR SC)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR SC)
11.NDAYE Chancel (LLB)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI FC)
13.MBIRIZI Eric (BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano(AIGLE NOIR SC )
15.EZA Armel( NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NTIRWAZA Sudi ( ASAS DJIBOUTI TELECOM)
18.DJUMA Muhamedi ( MUSONGATI FC )
19.KWIZERA Eric( LES LIERRES FC)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
23.BRANDON Chebby (EASTLEIGH FC)
24.MAVUGO Cédric ( AIGLE NOIR SC)
25.NDIKUMANA Magloire (OLYMPIC STAR)

Mwomenyakako imyimenyerezo itegekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018 mû kigo kijejwe ubuhinga aho benshi bita kuri (CTN) mû Ngagara.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.