#MagaraTimes: Soma inkuru nshasha ziryoshe, wongere ubihembegwe!

Ababaye 3 bambere mu kwezi, amazina yabo azoshigwa ngaha kandi bazohembwa biciye mu buryo bwo kurungika amahera kuri terefone zabo ngendanwa.

Guhera itariki ya 1 Ruheshi 2018, soma amakuru mashasha buri musi kuri https://magaratimes.com uheze uronke amahigwe yo gubitsindira agahembo buri kwezi.

Mukama, amakuru mu Kirundi ntiyari bwa ryohe kurusha ngaha!”, ukwo niko ino nkuru yakiriwe n’abantu benshi ku mbuga rusangi zitandukanye.

Journal Magara Times, « JMT », ibazaniye ubuhembo butatu buri kwezi aho uwuzoba uwambere mu bakunzi banywanyi ba JMT azoronka agashirukabute kangana na 15.000 /=, uwa kabiri aronke 10.000 /=, n’uwagatatu nawe aronke 5.000 /=.

Ubwo bushimwe rero buzotangwa ku bantu bazoba biyandikishije nkabanywanyi bakunzi ba JMT kuri https://magaratimes.com/register/ hanyuma bagasoma inkuru zandikwa mu Kirundi na JMT no guterera ivyiyumviro vyabo vyubaka mu bwitonzi. Umunywanyi rero yigenjeje neza akongera agatanga ivyiyumviro vyiwe ku makuru yanditswe, azoheza nawe abishimigwe ku mpera z’ukwo kwezi.

Ababaye 3 bambere mu kwezi, amazina yabo azoshigwa ngaha kandi bazohembwa biciye mu buryo bwo kurungika amahera kuri terefone zabo ngendanwa. Ni kuvuga rero ko naho woba uri mu Cibitoke, canke i Makamba, canke mu Kirundo, canke mu Rumonge, amahera azogushikira aho uri hose utiriwe urafata urugendo rurerure rwo kuja i Bujumbura kuri Journal Magara Times!

Ntusigwe rero, injira kuri https://magaratimes.com/login/ uno musi, uheze uterere ivyiyumviro vyawe buri musi kugira uronke amahigwe menshi yo gutsindira agahembo buri kwezi mugihe woba wakoze neza kurusha abandi.

Bishasha! Bishasha!

Na Journal Magara Times,

« Ikinyamakuru Kibegereye Cane »

« Soma inkuru nshasha ziryoshe, wongere ubihembegwe! Mukama wanje! »

Editeur, Journal Magara Times

1 Comment

  1. Avatar
    NISABWE juin 01, 2018

    Nivyiza bizotuma benshi basoma iki kinyamakuru

    Reply

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.