Delta Star ishaka kuzokwurira indege ibanje gutangaza Olympic star mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Delta Star igamije gukora ibitangaza mu gutsinda Olympic Star ejo mu gikombe citiriwe umukuru w'igihugu

Umugwi wa Delta Star 

Mugihe hasigaye umusi umwe gusa kugira ngo Delta Star na Olympic Star bihurire mugice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, urukino rutegekanijwe kuruyu w’imana mu ntara ya Ngozi ku kibuga Urukundo Stadium, Delta Star ishaka kuzotahukana kino gikombe kande yurire indege mu kuzoserukira uburundi muri coupe de la confederation ariko ubanje gutangaza umugwi wa Olympic Star mururwo rukino bazota mu mitwa.

Dushaka ko Olympic Star itangara ku musi w’imana kandi dushaka ko igikombe coza muri Delta Star ayo niyo majambo yashikirijwe na Amouri MANIRAKIZA amenyereza umugwi wa Delta star

Ndetse yatanze n’ubundi butumwa bukomeye cane kuri Olympic star aho yagize kandi ati Olympic Star ntiyoza yijajaye kuko benshi bavuga ko badutsinze ibitsindo 7, bitatu,bine, bitanu championnat yaraheze ubu ni coupe du president nanje nkeneye ko abakinyi banje burira indege ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatanu muri Zion Beach muri vya birori vyari biteguwe na FFB vyo guha ubushimwe abakinyi n’abamenyereza bavyigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue.

Amouri Manirakiza yamenyesheje kandi ko biteguriye neza cane urwo rukino kandi bizera ko bazovyitwaramwo neza.

 

Umviriza kandi Amouri MANIRAKIZA uko yiyemeye cane ko bategerezwa gukora ibitanga kuri Olympic Star kuri Interview yiwe aha musi

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.