FFB: Réverien NDIKURIYO ati kera agakina umupira ntiyiyita Neymar canke Messi none yiyita gute?

Réverien NDIKURIYO yiyita izina ry’umukinyi wa hano iwacu nyene

 

                                          Réverien NDIKURIYO arikumwe na Djuma Mossi

Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, Réverien Ndikuriyo ati kera agikina umupira wa maguru ari mu mashure y’intango (Primaire) ntabwo yiyita amazina y’abakinyi babanyaburaya nka kumwe abubu babikora ati we yiyita izina ry’umukinyi wa hano iwacu nyene. Réverien NDIKURIYO yagize ati  jewe kera nkikina umupira, narakinye gato narakinye agapira ndi muri primaire mugabo jewe siniyita abanyaburaya, jewe sinitwa Neymar sinitwa Messi, jewe nitwa Okoko, kandi Okoko naramusavye kuza abe umukoca w’ikipe yanje ariko ari mu Rwanda. Sinitwa abanyaburaya ahubwo n’ukurondera izina umukinyi ushobora kwiyita, ariko sindumva umukinyi yiyita Malik Jabil nuko abo bakinyi bavutse vuba ata ma video yabo bakinyi ahari, niyo ngorane twagize mukahise ku mupira wacu kuko bakinye neza ariko nta ma archives ahari. Jewe ndazi abantu biyita sinzi ngo Tchaka….. Shaka sinzi ngo yiyita Deco hariho amazina abakinyi biyita, harya ntibaba biyita ayo mazina iyo Buyi Jean Marié yari kuba ari harya

Ivyo akaba yabishikirije mu ntumbero yo gukebura abakinyi bo muriyi myaka bama biyita amazi ya banyaburaya mugihe abiwacu nabo bakoze vyiza birashimwa. Ivyo rero akaba yabishikirije kuruyu wa gatanu mu nyubako z’ihoteri Zion Beach igihe hariko haratangwa ubushimwe ku bakinyi bigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue y’umwaka wa 2017-2018.

Urashobora kumviriza Interview yiwe ngiyi ngaha musi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.